Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Suède : Amashirahamwe y’abarundi ntahuriza ku myiyerekano yabereye i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Suède : Amashirahamwe y’abarundi ntahuriza ku myiyerekano yabereye i (...)

Suède : Amashirahamwe y’abarundi ntahuriza ku myiyerekano yabereye i Stockholm

samedi 5 Ndamukiza 2014

Amashirahamwe y’abarundi bo mu gihugu ca Suède ntavuga rumwe ku myiyerekano yabereye imbere y’ahakorera inama nshingamateka y’igihugu ca Suède ku munsi w’ejo kuwa gatanu.

Mu rwandiko rwasohowe n’ishirahamwe rirongowe n’uwitwa Macaire Bacamurwanko, bamwe mu barundi bo mu gihugu ca Suède bamenyesheje ko batangajwe n’akarwi k’abantu bari ku rushi bateguye imyiyerekano biyitirira abarundi bose bo mu gihugu ca Suède, kandi batari bavyumvikanye.
Abo barundi bavuga ko badashigikiye iyo myiyerekano bagiriza ko inyegeje inyuma intumbero ya poritike, kandi mw’ishirahamwe ry’abarundi bo mu gihugu ca Suède badakora ibikorwa vya poritike.

JPEG - 144.6 ko
Imyiyerekano y’abarundi yabereye i Stockholm

Macaire Bacamurwanko, kw’izina ry’abarundi bo muri Suède bavuga ko badashigikiye ivyakozwe n’abihereje amabarabara, amenyesha ko batashimye amajambo yashikirijwe n’abo bari mu myiyerekano, kuko ku bwiwe yari amajambo acapfuza isanamu y’igihugu c’Uburundi mu makungu.

Basaba ishirahamwe ry’abarundi bo muri Suède kwama bakora ivyo bumvikanye gusa, ntihagire uwitirira uwutamutumye. Abashaka gukora poritike nabo, boyikora ku gatwe kabo, bubahirije amategeko.


Egide Nduwimana

Messages

  • Macaire ni umukru wa CNDD-FDD MURI sWEDE, MURUMVA KO ADASHOBORA GUSHIKIRA IMYIYEREKANO.
    KANDI RIRYA KETE RYANDITSWE NA eMBASSADEUR W’UBURUNDI MURI Oslo KUKO YARI Örebro guhura n’aba cndd fdd, aho nyene macaire atuye.
    Kandi amacaire azi ikurundi gusa ntashobora kwandika igifaransa, rirya kete ryanditswe n’embassadeur w’uburundi muri Norvège

  • none ko muvuga ko macaire atazi igifarasa mwebwe mukizi mumaze iki hari abantu bangana iki muri swede? abobantu bahagaze ngaho bobo ni bangahe ? muvyukuri hari abasya batambaye kugira batembagaze Leta ariko sinibaza ko bazobishobora uwofata abakoze imyiyerekano bose akabateraniriza hamwe ntibangana n’abarundi bari mugisagara kimwe ca dallas muri Leta zunze ubumwe za America.. shame on y’ll

  • ahubwo abo batutsi batabona iyigihugu cavuye naho kigeze babwire kwamase yakera ataghoma urvaro.arega mugabo nivyo ivyabaye kwaribo babigize.arega harya baramaramara babona igihugu giterimbere nabo bari baragisibije.sha nibabandanye barukarisha tuzorubamwesha iyo mihimbiri

  • ntimwirigwe.murabaza.vyishi.nimvugoiramuranga.koarumusongambere.ntawenzi.ariko.nsomweivyoyavuzenaciyendamwibwirako.arumu.ddd

  • Bumva ngo hariya habaye Imyiyerekana nabo babuzi ico bakora ngo reka tuje kwiyanikira,uburundi ntibutemba ngo nuko muriko mubwerekana nabi,hamuna uzalendo!

  • Ico abantu bomenya, Macaire ntaserukira abarundi muri Suède. Macaire kandi ntaserukira CNDD-FDD, ntari no muri komité. Cndd muri Suède itwagwa na James muto wa Ntakarutimana no. 3 muri CNDD.

    Hanyuma ico abantu bomenya Macaire yigira gugu atari we. N´umuntu w´amacakubiri arenze urugero. Ikibimenyesha nivyo aherutse kwandika, vy´abahunze abakomagu, akavuga no kwambika ama pneus abantu. N´uwambere azanye ibi bintu muri Suède. Ahubwo abantu nugusaba ababijejwe bakabiraba neza.

  • iyo INKOKO IBITSE NAHO UYIBAGA NTUBA WISHE ICO YAVUZE AUSTRALIA NATWE TURITEGUYE. MURINDIRE

  • Uwomuntu yitwa Macaiore Bacamurwanko mengo hariho intara imwe muzigize uburundi yobayarigeze kuba ariwe buramatari wayo ninaba ntamwitiramije?
    Niyabariwekoko ndatangaye kwumva harabavuzengo ntagifrasa ashoboye gusoma, kandijewe ukondamwibuka numugabowintwari abushitse. mugiheca Ndadaye ntiyariyoroshe muri FRODEBU yaravugarikijana jewe naramubona cane, kukojewe narumu EFB akomeye mumugambwe UPRONA nubwonyuma najekubivamwo, Arikorero ndababwire iyusanzwe ufise amabanga mumugambwe wa UPRONA ukawuvamwo barakwanka gusumba ukobaboba abandi, ivyondababwira vyarashikiye.

  • Igihambaye nuko message yashikiye abategetsi ba Suede, kandi basanzwe bazi intwari mbi iri i Burundi.

  • IGIKURU, Suko mwese muzovyunva kumwe IGIKURU nuko ukuri kudahinduka, waba ushigikiye , waba udashigikiye, mwaba benshi mwaba bake, icangombwa nuko IKIBABAJE UMUTIMA KIZINDURA AMAGURU, abo bakoze IMYIYEREKANO, na ba babaye, Hanyuma nawe utabafashije , birunvikana cane ko ATA KI KUBABAJE, ariko rero UMUNEZERO wawe, ntutegerezwa guhindura UMUBABARO wabandi.

  • Ngo abarundi ntibahuriza ku myiyerekano yagizwe muri Suède.
    Ico twomenya ngaha ni uko uwo muntu yitwa Bacanamwo Macaire ari umuntu atagira ijambo, ashaka kwishira hejuru kandi ata muntu n’umwe aserukira kiretse we nyene. Macaire abatamuzi ni umu DD qui s,est battu becs et ongles ngo arongore Cndd-fdd muri Suède ariko vyamutaye kuwamazi. Cndd-fdd itwarwa na James mutoyi wa Joseph Ntakarutimana icegera ca Nyabenda. Macaire ntari no mubarongoye abandi muri Diaspora des burundais de Suède ari naco gituma atari kwandika abiyitirira.
    Gikuru muri vyose ni uko bavuze ico bagona, barerekana ingorane zihari kandi le message est passé. Nayo Macaire n’est que la honte des burundais de Suède kandi no m kibano aho abaye ni umugabo w’ijambo rike, mbere n’abatamuzi mwoza murumviriza ikiganiro karadiridimba muzoca mumenya de quel type d’homme il est.

  • Mubona ivyo bizobashikana he?ahubwo natwe hano South Afriuca tugomba gukora urugendo rwo gushigikira Petero Nkurunziza.Ramba petero wacu abikinga inyuma yamoko tubateye agakungugu

  • igihe cukwitwaza ubuhutu cank’ubututsi caraheze, m n/b uburundi bwacu butwawe nabi sagasseshwa rumuri...aba ba dd mugbo sibose!baragisibije.ariko imanga ntimarir’Imana.

  • Jewe nibaza ko bensi mupfa kuvua Macaire mutauzi. Jewe ndamuziko azi igifaransa , ushima anakizi kuko mugihe amashiraamwe yarakaze i Burundi agitangura , Macaire ,Claver Mbonimpa ,Innocent alias Mwami haryamu wiza ....., ndaziko yagiye gukarisha ubwenge mui France,Belgique,Israel ,Zambia nahandi , kandi icomwoba mutazi yarize dans un pays francophone ´á distance muri Ecole superieur ahantuhashobora kub harahungiye umuntu boba basana ikintu mu muyango , gusa Macaire ivyo mwoba mutamuziko nkuko hari uwavuze ko ari umunyamacakubiri arayafise mwebwenti mumuzi muminsi yanyuma ya Buyoya , Macaire yari vice président wa Pasteur Kagabo Emmanuel muri projet ya PNUD Buyoya yari yara shizeho muntumbero yo gusamaza Kagabo Emmanuel nyuma yaho indege imutwariye umugore barikumwe na Kagajo, Macaire mwihendako ndamuzi igitega yakinda agaramye i Gitega kuri Gouverneur Yves Minani , aho mujujuta ngo Macaire ntatwara CNDD-FDD muri Swede ahubwo Arazi ubwenge kuko UbU hari murunawa Joseph mwibaza ko Macaire ari amubantu bashaka ibiti?oyo jewe ndibaza ko ari bcp un militant trop zélé yigira avocat w, abahutu.
    Macaire turamuzi henshi mubintu yinshi kandi mutokwibaza uwibazako Macaire ariwe kijuju nivyo ahubwo twebwe tumwihendako kuko arafise abatutsi bazi ubwenge bakorana nawe,nayo DD muri ako karere mubamwo ntiyavurwa ataraza i Bulaya , niwe yayikwije mur Swede na Norvege nushaka. Macaire turamwibuka arwana na les pro-Rajabu kuko Macaire ari fana wa Nkurunziza cane gushika naho aba suspendu , ariko mwibuke kugihe ca Manassé bamiyamiriza Macaire yawara idrapo , inyuma y,amatora bahejeje kuyiba mwoba mumwibuka kuri karadirindimba,voix d, amérika yavuga aya muhe ntgiyasinzinzira , nayo aho mwihenda Macaire nsi ikijuju , kuko génération ya Macaire kwandika irya texte nibintu bishoboka gose ntibikenewe intervntion ya Ambassadeur , kandi ndibazako ambassadeur wa Oslo ntarahonyoza ikirenge ciwe muri Swede ,mwandika bamuraba ivyo mwandka .Macaire yamye ahangana n,abantu bamusumba kuri aha nobabwira nka Prof Bamboneyeho Venant,Ir Rutamucero Diomede barazuranye inzura kwa muhisi Mandela , Macaire aatamuzi i Bujumbura haje muri crise abonye ba Abodon Ajello répresentant wa Union Européenne niwe wenyene yivurunga mubatutsi mumanama canke seminaires zaba entre 1996-2002.
    Ico mwihenako Macaire Arazi icarico Communication Karadiridimba yiwe ihengamiye kubutegtsi kandi avuze nibenshi agarura munzira ya ba DD kuko abarundi ntidusoma kenshi , rero Macaire sa contrubution isumba iyo y,aa dd bandika ,banumye , niwe aturwanya méthodiquement . Macaire ikimuntunze nuko ataco umuntu afise amwagiriza kuvyabaye mu gihugu kuko Macaire kinda agaramye yamye yinjira mu ma quartiers kera abahutu batinjiramwo yambaye costume ya regideso , akongera akaja mubatutsi yambaye costume muri za debatset Conferences ,il trés maléable Macaire mais imprévisible.
    Macaire mwe bwe ntimuzi combatyagize na UNICEF igihe abahutu bo muri mairie bahungiye mu Gatumba niwe yaanguje les Ecoles mobiles ndibuka ko hari du temps de Ndimurukundo ministre ,macaire nu combatant akomeye kurusha abakoresheje inkoho, nayo abitirana Macaire wa Swede na Macaire buramatari ntaho bahuriye umwe ava mu Kayanza (swede) uwundiava i Gitega ilk fut l,homme fort wa Ntiba muri crise yaciye amushira muri présidence, hanyuma PAF, yahora mur Ambassade i Roma , UbU akba ari i Bujumbura comme fonctionnaire muri Ministere nka Agricultre et élevage des choses pareilles , bréf benshi bakunze kwihenda kuri abo bntu babiri ico bahurijeko nuko bose ari aba dd dangereux gusa..........

  • ABO BARIKO BARASHIRA IMBERE AMAKO YABO NIBAKOMEREZE NGOHO IVYO BIRADUFASHA CANE.
    ABAHUTU BACA BABONA KO IVYABAYE 1963, 1965, 1972, 1988, N’IHONYA BAHUTU RYAFASHE INYAKA 10 UHEREYA 1993-2003. BITARAHERA.

    IVYIYUNVIRA VY’IHONYA BWOKA BW’ABAHUTU BIRABANDANYA. NKASABA ABAHUTU KUDAKURIKIRA UKO IZOMBURAKIMAZI ZIKORA KUKO SI ABATUTSI BENSHI BASHIGIKIYE UBWOBUBISHA.

    N"AKAGWI GATOYA GAFISE INTUMBERO YO KWIGISHA ABANTU NGO BACANEMWO.

    NSAVYE ABATUTSI KO BATOFATA KO IBIVUGWA N’ABOBAHEMU KO ARI UKURI.

    ,

  • Muganihera,mbe abishwe nabo twitoreye nabo wabashizehe?je ko napfakajwe 2006 ntaco nabuze?Mbe abo bahutu uvuga ni bande?Utaraburorwa avuga ngo bobundoga....unteye amarira !urakamera nkanje nyamba unsumvya ubuhutu!!!!

  • @ Gasongo Jean, urakoze kukobitumye menyako narinamwitiranije nuyundi, igikuru nuko udufashije kumenya ukuri gusumba abarandamuka bagapfakuvuga ngo Macaire ngontagifrasa azi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.