Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Thérence Sinunguruza n’abadasigana bo ku Mugumya ntibacana uwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Thérence Sinunguruza n’abadasigana bo ku Mugumya ntibacana uwaka

Thérence Sinunguruza n’abadasigana bo ku Mugumya ntibacana uwaka

mardi 1er Gitugutu 2013

Amakuru yo kwizerwa ariko ava ku Mugumya amenyesha hari ukutumvikana hagati y’abadasigana begereye ubutegetsi bwa CNDD FDD boba bariko basaba ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Thérence Sinunguruza, yokurwa muri ayo mabanga arimwo kuva mu mwaka w’2010. N’aho imvo nyamukuru y’ukwo kutumvikana hagati ya Sinunguruza n’abadasigana itaramenyekana, amakuru ava ku Mugumya amenyesha ko umukuru w’umugambwe UPRONA Karori Nditije yoba amukuyeko amaboko mu ntumbero yo guha inzira ukwiyunga kw’umugambwe UPRONA.

Kuva aho Karori Nditije atanguriye amabanga yo kuba umukuru w’umugambwe UPRONA, yamye ashikiriza ko yipfuza ukwiyunga kw’umugambwe w’abadasigana UPRONA, umugambi abadasigana bavuga ko woba woberewe intambamyi na na Thérence Sinunguruza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 40.9 ko
Umukuru w’umugambwe UPRONA Karori Nditije (imbere) ari kumwe na Thérence Sinunguruza

Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru wo ku Mugumya, nawe nyene yahora muri ba somambike ba Thérence Sinunguruza yoba ari inyuma y’abariko barondera ikomborwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Gaston Sindimwo na Thérence Sinunguruza boba batagicana uwaka ku mvo z’inyungu zitagihura.

Mwomenya ko gushika ubu izina ririko riranuganugwa ko ryoshikirizwa nk’uwosubirira Thérence Sinunguruza ari irya Jean-Claude Ndihokubwayo, ubu asanzwe ari umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.