Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tom cruise yemeye ko isengero rya Scientologie rifise uruhara mu kwahukana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Tom cruise yemeye ko isengero rya Scientologie rifise uruhara mu kwahukana (...)

Tom cruise yemeye ko isengero rya Scientologie rifise uruhara mu kwahukana kwiwe

vendredi 8 Munyonyo 2013

Tom cruise yemeje ivyo benshi bahora bumva nk’insaku kuva kera. Kuba ari mw’isengero rya Scientologie vyatumye Katie Holmes yahukana n’umugabo wiwe ngo akingire agakobwa kiwe Suri.

Katie Holmes ntiyamenye ko kurongorana n’umunywanyi w’isengero Scientologie atari iciyumviro ciza, abo rero bamaze imyaka 5 bagize abugeni. Inyuma y’amezi 18 batangaje kwahukana, amakuru yo kwizera amenyeshako kuba Tom ari mwitunganywa ry’isengero Scientologie vyatumye yahukana. Uwo yahoze mu gakino Dawson yoba yafashe iyo ngingo kugira akingire umwana wiwe Suri ntahave yiyumvamwo iryo sengero.

Haraheze indwi zitari nke Tom yituye ubutungane aho yaburana n’umurwi Bauer, utanga amakuru mu kinyamakuru Life & Style et InTouchho bamwagiriza kuba yarataye agakobwa kiwe Suri. Kuri ivyo birego, uwo yakinye Top Gun ntaco yaronse yireguza, niko gusaba gutanga ihadabu y’imiliyoni 50 z’amadolari ku ndishi y’akababaro.

Igenekerezo rya 9 Nyakanga 2013, Tom Cruise, yarituye ubungane bw’Amerika kugira yiregure ku vyo yagizwa. Ikinyamakuru Radar Online carashoboye kuronka ingene imburano zagenze. Abashingwamanza ba Bauer ko Katie Holmes yamusavye bahukane kugira akingire umwana wiwe Suri, Tom ntaco yaronse yireguza, yaguye mu yabize.

Ati : « Numva ico kibazo kidengeye », abandanya ko hari ubutandukane mu buzima ko rero atumva igituma umwana wiwe akingirwa isengero se arimwo. Abacamanza babandanya bamusatira n’ibibazo, bati : « none Holmes ntiyakumenyesheje ko igituma mugira mwahukane ari isengero rya Scientologie kugira akingire Suri ? ». Niko kwishura yemera ko yabimubwiye, ariko yongerako ko Suri atigeze ahonyoza ukuguru muri Scientologie.

Aho niho yaciye atsindwa, Holmes aca yijanira na Suri kwibera i New York kure y’uwahoze ari pfa mpfe wiwe Tom Cruise.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.