Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubucamanza bw’ubufaransa bushaka ko Papa mushasha yumvirizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Ubucamanza bw’ubufaransa bushaka ko Papa mushasha yumvirizwa

Ubucamanza bw’ubufaransa bushaka ko Papa mushasha yumvirizwa

vendredi 15 Ntwarante 2013

Umucamanza w’umufaransakazi yari yasavye mu 2011 ko umukardinari Bergoglio, ubu yatowe kuba Papa yokwumvirizwa, mu ntumbero y’amatohoza yabaye ku rupfu rw’umupatiri w’umufaransa mu 1976, yishwe n’intwaro yagahotoro yo mu gihugu ca Argentine.

Sylvia caillard ,umucamanza wo muri sentare nkuru y’i Paris,yashikirije ibirego i Buenos aires umurwa mukuru wa Argentine kugira uwo mu Cardinari yumvirizwe nk’icabona ku bijanye n’urwo rupfu rwa patiri Gabriel Longueville, mu gihe hatangura intwaro y’agahotoro mu gihugu ca Argentine mu mwaka 1976 nk’uko bisigurwa na Sofiya Thonon ,umushingwamanza w’umuryango w’uwo mupatiri.

Abategetsi bo muri Argentine ntibigeze bishura ku bijanye no kwumviriza Bergoglio.’’
Ico gihe yari yabonye ko kwumviriza Bergoglio vyari bikenewe kugira uwo mu Cardinali w’i Buenos aires ahe umuco uwo mucamanza.

« Papa ashobora kuba atari mu bantu bakomeye bagwanira agateka ka zina muntu’’ vyavuzwe na Me Thonon .’’Ahubwo yoba yagirizwa kuba atigeze yiyamiririza ubwicanyi bwakorwa n’intwaro z’agahotoro, ako gacerere kiwe kakaba kimwe mu vyakingira ikibaba amabi » niko uwo mushingwamanza abandanya avuga.
Uwo mupatiri wa paruwase Elchamical wo mu ntara ya La Rioja ,Gabriel Longueville yari yaranyurujwe hamwe n’uwitwa Carlos Murias kuwa 17 mukakaro 1976.Ibiziga vyabo bikaba vyatowe bukeye aho vyari vyatobaguwe n’amasasu,hamwe n’ibimenyetso vyerekana ko batotejwe.

Abasirikare babiri ba kera hamwe n’umupolisi w ‘umu nya Argentina baraciriwe urubanza mu kwezi kwa kigarama kubera ubwo bwicanyi.
‘’Ubucamanza bwa Argentine buriko burakora akazi gakomeye ku vyaha vyakozwe kuri zo ntwaro z ‘agahotoro,ibishimwa na Me Thono.

Icegeranyo cerekana ko icaha cakozwe canke kitakozwe c’umucamanza Caillard kuri ubwo bwicanyi, kiracari mu nzira ,ariko bishobora gufata intumbero y’uko atacaha cakozwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.