Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubupfakazi, ingorane ikomeye ku butunzi bw’umuryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ubupfakazi, ingorane ikomeye ku butunzi bw’umuryango

Ubupfakazi, ingorane ikomeye ku butunzi bw’umuryango

mardi 2 Mukakaro 2013

Mu gihe ubuzima buguma buzimba ku munsi ku munsi, ubona ibiribwa biduga ibiciro ,ku buryo usanga umuntu adashobora gukwiza ibifungurwa uhereye mu ntango z’ukwezi ndetse no mu mpera zakwo. Twashimye kuraba ingaruka mbi ku buzima bw’abapfakazi busigaye buzimvye no ku binjiza umwimbu ari babiri mu muryango, hari akantu aho naho aba ari umwe yimenya muri twose.

Gupfakara ni kimwe mu bintu bibaza, haba ku mugabo haba ku mugore. Ariko rero birababaza vyagera ku bagabo naho bikaba agahebuza. Iyo umusore ageze mu bigero arubaka urwiwe, yamara kwubaka bavuga ngo aronse umufasha. Mbega ni kubera iki yitwa umufasha? Ni uko umushingantahe aba afise ibintu atishoboje aba akeneye uwumwuzuza. Igikomere co gupfakara kiragoye gukira kuko umuntu aba abuze uwo basangira twose vyaba bibi vyaba vyiza, eka ndetse ni ukubura uwo basangira akabisi n’agahiye. Benshi usanga uwo mugore canke umugabo aca yihambirira ku ndero y’abana kugira mu kibano ntibabatwenge ngo arera tambuka uza ino .

Hari ibibazo vyinshi umuntu ashobora kwibaza, ni gute umuntu ashobora kubana n’abantu igihe uwo mwubakanye yitavye Imana, ni gute abantu bakubona igihe upfakaye, bavuga ko ari ingwano ya buri munsi kugira bashobore kwibeshaho.
Iyo umuntu apfakaye twa tuntu twose bahora bafashanya ari babiri usanga umuntu asigaye atwifasha wenyene yaba amahera y’ishure y’abana, ivyambarwa, ivyo gufungura, umukozi, guterera muri ya minsi mikuru ya minsi yose aho mu migenzo y’ikirundi umuntu ategerezwa guterera umubanyi afise akabanza, kuriha inzu bugingo umuntu aba ataragura iyiwe, canke ngo ayiyubakire. Ivyo vyose ni ibituma umuntu yigora uko bishoboka kwose kugira ashobore ku beshaho umuryango wiwe. Icibagiwe co ni igihe umuntu apfakaye ataco mu genziwe asigarije umuryango.

Kenshi abagabo bibaza ko kugira barwanye ubwo bukene baca biyumvira ubwo nyene kurongora uwundi mukenyezi, ariko kenshi abagore bo barita ku rutare bakarera abana bo nyene. Aha rero ni ukugaba hari igihe wibaza ngo uzanye umugore aza kukurerera abana, aha turiko tuvuga ku bagabo ugasanga ahubwo aje kurya tumwe warondera hamwe no kurya abana.

Nk’inyishu twohamagarira abo bapfakazi kwijukira amashirahamwe kugira bashobore kubaho, aho umuntu aba ari kumwe n’abandi ugasanga bararemeshanya ndetse ugasanga baranafashanya mu tuntu tuba tugoye uyu canke uriya. Ikindi naco ni ukuza baraganira n’ibibondo vyabo ntihagire ico ubahisha yaba amadeni umuntu aba yafashe canke imigambi yawe yo muri kazoza aho ni ho uzoba uriko urabategura neza, bazomenya kudasesagura kandi nawe bizotuma uronka uwuza uraganirira imigambi yawe yose kumwe wahora ubikora n’uwo mwari mwubakanye.

Mu majambo make ntiwigunge ganira n’ibibondo vyawe bizoguha akaruhuko ku kuntu mushobora kugenza ubutunzi bwanyu muba mufise, ikindi naco iyungunganye, ukoreshe ubwenge bwawe Imana yaguhaye, ndetse umenyere kudasesagura, n’ukwipfuza ivy’abandi uko wobironka kandi nawe ataburyo ufise, canke ukiyumvira kubironka hasi hejuru ubanje gusesagura itunga ry’umuryango..


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.