Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bwo kwikundisha umukobwa muyaze ubwa mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Uburyo bwo kwikundisha umukobwa muyaze ubwa mbere

Uburyo bwo kwikundisha umukobwa muyaze ubwa mbere

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Urukundo ni ukwiyumvanamwo kwa babiri. Abantu benshi baribaza uwutangura imbere y’uwundi. Muri make, nta n’umwe ntabanduka akwiye gutangura uwundi kuko bivana n’uwo ibishobisho vyabanye vyinshi ubwa mbere.

Mbega birashika umuntu ubonye rimwe ukumukunda? Bishitse ugakunda umukobwa, wokora iki kugira nawe akwiyumvemwo akubonye ubwa mbere? Turabashikiriza ubuhinga ngenderwako bukuru bukuru:

Kumwitaho, ntugume umutera inkuru zerekeye ubuzima bwawe gusa

Abahungu benshi bararuhisha abakobwa mukubatera inkuru zidakenewe kandi ubwabo bari bashaka uwubitaho mu gushaka kumenya udukuru twabo, ivyo bakunda,...

Gutera inkuru zikenewe zitari ubuzima wabanyemwo n’abandi bakobwa

Abakobwa baba bakeneye ikiyago c’umuhungu agaragaza ko afise imigambi itumbereye

Kutibagira kumutekerera akajambo kamuhimbara, ivyo bigatuma asigara
arakwiyumvira naho mwoba mwavanye

Utwo tujambo ni nka: nashimye ikiyago twagiraniye, uganira neza, ivyiyumviro vyawe biratomoye, abantu muganira imisi yose barahiriwe,...

Hageze ko muvana, mu kumusaba nimero ya terefone, ntumwereke ko uyihahamiye cane. Umwereka ko yoyiguha mu gihe nawe nyene yobona bikenewe.

Aho womubwira uti: mbega urazi ko ata nimero ya terefone twahanye? Canke uti: Harya wewe ufise terefone nimero zingahe?

Mwateguye gusohokana nawe ubwa mbere, mureke abe ari we atangura gusaba ivyo afata kugira ntahave agira isoni

Kandi ntufate ibinyobwa vyinshi adahava yiyumvira ko uri impabe.
Muriko muraganira, hindura kenshi ivyiyumviro ntahave arambirwa kare, aheze agusezera yitahire

Inkuru aguteye zihe agaciro ntahave yiyumvira ko uriko uramwinuba. Bikenewe naho mubaze n’ibibazo kugira abone ko wamukurikiye kuva mu ntango.

Ubonye atanguye kunezerwa n’ikiyago cawe, ibirori bitanguye kuryoha, musezere umubwire ko umwanya wari ufise waheze. Ugiye yaragikeneye ko mugumana, ntibuzoca kabiri atakurondeye, aho rero uca ubona ko wotera intambwe nyamukuru, ukamubwira ko umukunda


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.