Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Abahuza ibitsina babisangiye bateye icuka kibi mu bakozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Uganda : Abahuza ibitsina babisangiye bateye icuka kibi mu bakozi (...)

Uganda : Abahuza ibitsina babisangiye bateye icuka kibi mu bakozi b’Imana

mardi 4 Ntwarante 2014

Ishengero rya Anglicane ryo mu gihugu c’Ubuganda riragabisha ishengero rya Anglicabe ryo mu gihugu c’Ubwongereza risanzwe ari ryo rikuru, ko hamwe ryohirahira rikaja mu bategeka igihugu cabo kureka abahuza ibitsina babisangiye kugira amategeko abagenga mu gihugu, bazoca baryiyonkorako.

Stanley Ntagali umwungere w'ishengero rya Anglicane mu Buganda

Ku va aho umukuru w’ico gihugu c’Ubuganda Yoweli Kaguta Museveni arahiriye akarengwa ko, abahuza ibitsina babisangiye badashobora guhabwa amateka muri ico gihugu, ibintu biriko birahinduka mu mfashanyo mva makungu, none ubu naho bitandukiriye amashengero yamuka muri za Buraya. Umukuru w’ishengero rya Anglicane mu gihugu ca Uganda Stanley Ntagali avuga ko, hamwe Ubwongereza butoshobora kubumviriza, bagiye kuba bonyene, babiyonkoreko, mu bikorwa vy’Imana.

Uwo mwungere wa Anglicane muri ico gihugu c’Ubuganda, avuga ko ico bagiye gukora, ari ugusengera abo bataye umurongo mw’ihuza ry’ibitsina, ndetse akabasaba no kubitura kugira babafashe mu kubagorora. Abandanya amenyesha ko imiryango ubu yuguruye kuri uwo wese yoba yipfuza guhanurwa, no gukira umutima, ihuzwa ry’ibitsina rikaba nk’uko Imana yabitegetse.

Tukabamenyesha ko abarongoye ishengero rya Anglicane mu bihugu vya Uganda na Nigeria baronkejwe amakete y’abarongoye amwe mu mashengero ya Anglicane yo muri za Buraya, aho biyamiriza ingendo ya Reta y’ivyo bihugu bibiri vya Afrika, yo gutora amategeko ahasha abahuza ibitsina babisangiye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abakozi b’Imana ba Uganda mukomere kukuri mwasomye mw’Ijambo ry’Imana.

  • Yego haguruke mufashe m7kuko mumutereranye yob’intambamyi yabariya barugerek,ariko ko ntarumva numutegetsi numwe w’africa abirwanya canke ng’agir’icavuze gusa barugereka banyagush’akab’aribo bashigikiye amafuti je narumiwe.gaho muramuke basomyi benewacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.