Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ugushurashuzwa ku nguvu vyarabahahamuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ugushurashuzwa ku nguvu vyarabahahamuye

Ugushurashuzwa ku nguvu vyarabahahamuye

dimanche 21 Mukakaro 2013

Ibijanye n’uguhohotera abantu bifatiye ku gitsina ntibitanguye ubu, no kuva kera vyamyeho, ariko ubu ho bivanye n’intambara Uburundi bwaciyemwo, vyaragwiriye. Mu karere k’ibiyaga binini naho nyene ako karanda karavurwa muri rusangi, ako kaga karahari, ariko kakaba kagwijwe naho nyene n’intambara zurutavanako zama ziharangwa, nk’akarororero mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Ivy’ugufata ku nguvu vyarahahamuye abana ba bigeme bo mu gihugu hagati eka ndetse n’imiryango yabo, ku buryo hageze n’igihe usanga umwana aroye kuvoma, gusenya, kurima, kuramutsa incuti ugasanga afatiwe mu nzira n’abasore, abagabo n’abandi. Ivyo rero vyatumye abigeme canke n’abagore bo mu ntara zimwe zimwe ubu iyo barenze irembo, canke baroye kure bagenda batekeye akantu gasongoye nk’ uruhindu, urushinge, ku buryo umuntu aje ku mufata ku nguvu arumuzibura.

Mu vyukuri hageze aho umwigeme w’umurundikazi asigara yiyumvira ko yopfuma yica uwuje kumushurashuza ku nguvu, vyerekana ko baseserejwe n’iryo kubagurwa bagirirwa n’ibiburamutima. Ikindi naco, n’uko hari abafatwa ku nguvu bagatinya kubivuga mu gutinya ko boba biyararaje mu miryango canke mu kibano. Bibaza ko ari hamwe babivuze boca bagira ingorane, bakabura abagabo. Ikindi abigeme bavuga n’uko hari naho imiryango yumvikana, uyo mwigeme agaca arongorwa n’uyo yamugiriye ivyo, akagenda atamukunda, kandi akazoguma avyidoga gushika gupfa kwiwe.

Igisabwa Leta muri ivyo vyose, ni ukwo yofata ingingo ruhasha ku bantu bose bagirijwe ikosa ry’ugufata umwigeme canke umugore ku nguvu. Abapfungwa ugasanga bamazeyo umwanya muto, ubutungane bukavira hasi ico kibazo ku buryo uwagirijwe n’icaha nk’ico atova mu munyororo adahejeje igihe yaciriwe. Ivyo bikaba vyavuzwe na Ninette Kamikazi, umwe mu bigeme yatubariye ko yafashwe ku nguvu. Avuga ko gufatwa ku nguvu vyamuhahamuye, gushika naho yumva ata mugabo n’umwe yoba akigirira icizere, ikindi we ashima ni ukwo uwamugiriye ivyo yafashwe arapfungwa, n’ubu akaba ariyo akiri.

Ikindi Kamikazi ashima ni uruhara rw’abamenyeshamakuru mu kwigisha abanyagihugu ukwo bokwigenza mu kwirinda iryo fatwa ku nguvu, eka ndetse no mu kuvuga uwuba yakorerwe ako kabi, n’uwa bigize mu ntumbero yo gufasha kugira ntahave acika ubutungane. Aremeza ko ibinyamakuru bifasha cane, kandi bikazotuma ugushurashuzwa ku nguvu bigabanuka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.