Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uko umukenyezi yokwigarurira urukundo rw’uwo bubakanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Uko umukenyezi yokwigarurira urukundo rw’uwo bubakanye

Uko umukenyezi yokwigarurira urukundo rw’uwo bubakanye

mardi 29 Nzero 2013

Abantu benshi baribaza igituma ingo zisambuka canke igituma mungo hama induru,ariko ngo umukenyezi arashobora guhindura urugo rwiwe rukaba urw’akarorero nk’uko abahinga bize ivy’imibano babivuga.

Igikenewe imbere ya vyose n’ugutura Imana ubukwe bwanyu kugirango ibe ariyo imurikira urukundo rwanyu kandi ibashoboze kubona ibintu kumwe n’ukwakira ibizobashikira mu rugo vyose.

Umviriza umushingantahe wawe kandi umwubahe

Si ukuvuga ko umukenyezi ategerezwa gukubita ibifukamiro imbere yiwe,ariko kwubaha bituma haba urukundo kuko umugabo n’umutwe w’umuryango.

Kora ibishoboka vyose unezereze umugabo wawe

Iyo unejereje umugabo wawe uba umwimye umwanya wo kwiyumvira ibindi canke abandi bo musamaza.

Gushwana mu rugo ni nko kwatsa umuriro ugoye kuzimya

Kugira woroshe ibintu,iyo ubonye ko ivyo uvuze bimubabaje musabe imbabazi,umubwire ko ata ntumbero yo kumubabaza wari ufise.

Ni vyiza ko umukenyezi aza arashimira umunega wiwe kukantu keza kose amugiriye

Umunega bimuha ingoga zo kurushirizaho gukora n’utundi twiza kurusha utwambetre.

Biraryoshe gukina n’umugabo wawe

Ku muganiriza udukuru dutwenza canke two kumufyinisha,kuko biramwibagiza uburuhe bw’akazi yamyemwo, gutyo akumva ko ubuhungiro afise ari ukuba iruhande yawe.

Ni vyiza kwambara neza

Ukambara utuntu tugushariza ku mubiri,ukama witwararika gusa neza,n’aho woba uri imuhira,kuko kukubona usa neza bituma umushingantahe wawe akubonamwo umukenyezi w’igikundiro.

Rimwe rimwe ngo ni vyiza no kuririmbira umunega wawe iyo ababaye canke yahuye n’ibibazo vy’akazi kugirango yumve ko atari wenyene.

Iyo umushingantahe atashe ni vyiza kandi biraryoshe ku musanganira n’urweze.

Ngo abagabo barakunda ko umukenyezi amwereka ko amufitiye ibishobisho,akamwereka ko atashe amukumbuye.Nico gituma ari vyiza kumubaza uko akazi kagenze ,ko atangorane yagize,n’ibindi.

Koresha,umubiri Imana yaguhaye,mukunezereza umushingantahe wawe

Witwararike kuba ufise umutima ukeye,umubungabunge muri vyose na hose,bizotuma urukundo rwiwe urwigarurira rwose.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.