Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukunyinyurana hagati ya Sinunguruza n’abarongoye UPRONA kwatanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ukunyinyurana hagati ya Sinunguruza n’abarongoye UPRONA kwatanguye

Ukunyinyurana hagati ya Sinunguruza n’abarongoye UPRONA kwatanguye

lundi 7 Gitugutu 2013

Ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Térence Sinunguruza vyamirira kure ivyashikirijwe n’ubuyobozi bw’umugambwe UPRONA buvuga ko Térence Sinunguruza yoba atacizewe n’ubuyobozi bw’umugambwe UPRONA aturukamwo, bagasaba ko yobogozwa. Ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu bimenyesha ko hagiye kumenyekana imvo ziri inyuma y’ivyo biriko birashikirizwa.

Ku munsi wa gatandatu, ubuyobozi bw’umugambwe UPRONA wa Rwagasore bwarasohoye urwandiko rwateweko umukono na Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’umugambwe, Félix Mboneko icegera c’umukuru w’umugambwe hamwe na Karori Nditije umukuru w’umugambwe. Muri urwo rwandiko, ubuyobozi bw’umugambwe UPRONA bwagiriza Térence Sinunguruza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ko yoba adashigikiye ukwiyunga kw’umugambwe, ko yoba ateranya abarongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu kandi ko yoba atagishoboye guserukira bimwe bikwiye umugambwe muri Leta kuko yoba ashira inyungu ziwe imbere kurusha iz’umugambwe. Ubwo buyobozi bwaciye bufata ingingo yo kumukurako amaboko, bwongera busaba ko umukuru w’igihugu yomusubiriza.

Ntibwakeye na kabiri, ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vyaciye navyo bisohora itangazo, bimenyesha ko ivyo vyashikirijwe ata fatiro bifise, ko akarwi k’abantu batatu kari inyuma y’ivyo vyashikirijwe gafise izindi mvo zizoshirwa ahabona mu minsi iri imbere.

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo ry’ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ingingo ya 16 na 18 z’amategeko agenga iyubahirizwa ry’amateka, amategeko n’akarangamutima vy’umugambwe zitubahirijwe. " Abo umugambwe washize imbere kugira bawuserukire muri Leta, mu nama nshingamateka canke nkenguzamateka, bategerezwa kwubahwa no kwubahirizwa n’inzego zose, kugira bashobore kurangura amabanga bashinzwe ata nkomanzi. Nta murwi canke urwego rero na rumwe bifise uburenganzira bwo kubabogoza canke kubakurako ubwizigirwa, kiretse iyo bagirizwa amakosa nk’uguhemukira umugambwe, kunyuruza amatungo y’umugambwe canke y’igihugu, guhakana bimwe bigaragara gukorana n’inzego z’umugambwe ku rwego rw’igihugu."

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Térence Sinunguruza yemeza ko ibivugwa kuri we bitagira ishingiro kuko baterekana uko ivyo yagirizwa abikora, agasaba abarongozi b’umugambwe kwikubita agashi bakisunga amategeko agenga umugambwe UPRONA. Kubwiwe, ingingo zitagira ishingiro ziriko zifatwa n’akarwi k’abantu batatu nta kindi zizofasha atari ugucanishamwo n’ugucamwo imirwi umugambwe n’abanyamugambwe.

Photo: IWACU


Egide Nduwimana

Messages

  • Sinunguruza afis’ikibazo gisa n’abandi bategetsi bindandende muri Afrika ah’usanga iy’abamuhaye bamukuyek’amaboko aho gutang’imihoho ahitamwo kunyinyana nabo(INDANDENDE IHUMIRA.,).Ubutware s’iragi ryabase vyanse babis’abandi nk’abanyaburaya.

  • Ni mureke uwo mutama akorere igihugu kuko mwamutanze comme candidat a la vice presidence mumuzi neza ko ari umushingantahe wijunja nijambo.Ivyo vyo kuubogoza bije bite? Reka kwumva amabwire badasigana.

  • sinunguruza nareke kuba nkinyondwi kuko bavuzivyobabona

  • Uprona ubu ni ho ibibonye? Ubu none ko amagabura-nyama ageze akenge karagarutse kugira biyegereze abadasigana. Aho bamaze imyaka badukura mu vyacu ngo hari imigambi iyi n’ iriya ntawe twigeze twumva. Ubu barakangutse:
    Abarundi isinzi bakuwe mu vyabo mu Gasenyi ngo bagire bubake ingoro y’umukuru w’ igihugu, n’ubu atari ukusohora abantu ntaco bahakoreye. Iyo batureka tukicira ibitoke twari kuba turabayeho. None raba ibara...i bugendana ni uko. nahandi nahandi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.