Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwikura agahuzu biri mu birwanisho umukenyezi yamye akoresha kuva muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Kwikura agahuzu biri mu birwanisho umukenyezi yamye akoresha kuva muri (...)

Kwikura agahuzu biri mu birwanisho umukenyezi yamye akoresha kuva muri kahise

lundi 7 Gitugutu 2013

"Umubabaro uteye ubwoba werekana ko bibutse ko bigeze kubabara kw’igenekerezo nk’iryo nyene rya 27 Nzero umwaka w’2013, igihe baburira ibintu vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Abakenyezi bo kw’isoko kwa Siyoni biyambuye impuzu mu kugaragaza umubabaro wabo berekanye ko Leta ataco ikibamariye." Izo nizo nsiguro zitangwa n’umuhinga muvy’imibano yo muri politike, umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Bugwabari Nicodeme, ku nyifato y’ababakenyezi badandaza ibitenge mw’isoko yo kwa Siyoni baheruka gukura agahuzu barata, berekana umubabaro bafise.

Kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga, kw’isoko bita kwa Siyoni ibintu ntivyari vyoroshe na gato. Abadandaza b’ibitenge baje babona igipolisi giherekejwe n’abakozi bo mu kigo OBR (Office Burundaise des Recettes) babashwayemwo, baje gufata ibitenge bivugwa ko vyoba vyinjira kuri magendu. Abo bakenyezi baciye bugara ibibanza vyabo, batako mu nyuma y’impari nyishi bikura uduhuzu, igikiriza bashira hejuru. Kuri iyo nyifato, abatari bake baratangaye bamwe bati : "Ni ibara muri kino gihugu", bagasaba mbere ko abo bakenyezi bohanwa kuko bakoze ubushirasoni. Abandi nabo bati : "Eka data ahubwo vyerekana ububabare butagira uko bungana kuko ivyo ntitwari tubimenyereye mu gihugu c’Uburundi."

Bibutse umunsi bavuga ko batazopfa bibagiye

Ikinyamakuru IGIHE carondeye umuhinga muvy’imibano ya politike kugira atange insiguro y’irya nyifato. Umwigisha muri kaminuza y’Uburundi, Bugwabari Nicodeme agira ati : "Inyifato ya barya bakenyezi igaragaza umubabaro udasanzwe w’igikomere kitigeze kivurwa ndetse". Abo bakenyezi basa n’abavuze bati : "Twaragerageje kwigwanako kugira ubuzima busubire bubandanye kuva isoko ihiye ariko ubu turananiwe. Leta ntaco ikitumariye na gato." Kubw’uwo muhinga, rirya genekerezo rya 27 Nyakanga ryibukije abo badandaza igenekerezo rya 27 Nzero uwu mwaka nyene, igihe isoko nkuru ya Bujumbura yasha. Bibutse amagorwa bagize, Leta ikaba itigeze ibagarukirako.

JPEG - 44.6 ko
Umuhinga muvy’imibano ya politike akaba n’umwigisha muri kaminuza y’Uburundi, Bugwabari Nicodeme

Muri kahise k’Uburundi, haribonekeje ibishaka gusa nk’ivyo, aho umukuru w’igihugu Ntibantunganya yaterwa ivyatsi n’ibindi tutarinze kuvuga n’abanyagihugu mu mwaka w’1996 mu ntara ya Gitega. Ivyakwirikiye bikaba bitabaye vyiza ku gihugu. Mu mwaka w’1966 naho nyene, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahejeje kumenyeshako intwaro ya cami irangiye, Micombero atembagaje Ntare wa 5, abakenyezi bari ku kibuga c’umupira w’amaguru boba barakuye impuzu barahenera uwo mushikiranganji. Eka no mu bindi bihugu, abakenyezi bagiye barata impuzu bakaja mu mabarabara kugira berekane ko ibintu vyabarambiye. Twovuga nk’igihugu ca Nigeria mu mwaka w’1929 aho abakenyezi b’abirabure bagiye mw’ibarabara biyamiriza intwaro ya gikoroni. Mu gihugu ca Ouganda, muri Ndamukiza umwaka w’2012, abakenyezi barihaye amabarabara naho nyene igikiriza kitambaye biyamiriza ihagarikwa ry’umwe mu bakenyezi baserukira abandi. Mu gihugu ca Gambiya, igenekerezo rya 24 Nyakanga 2001, abakenyezi baravyunyuye kuko bahereje amabarabara bari uko Imana yabaremye, biyamiriza ibikorwa vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu. Aho hose vyagiye biribonekeza, abo bakenyezi bari babuze ikibumviriza, ntibanatahurwe, bagaca bahitamwo kuzita kugira bagaragaze umubabaro udasanzwe n’ishavu bafitiye Leta.

JPEG - 60.2 ko
Abakenyezi bo muri Ouganda barihaye amabarabara naho nyene igikiriza kitambaye biyamiriza ihagarikwa ry’umwe mu bakenyezi baserukira abandi

Umuhinga Burwabari Nicodeme avuga ko ivyo vyerekana ko umunyagihugu aba yaguhebuye, ataco ukimumariye. "Ni ikimenyetso co kuvuma kuko dufatiye ku mugenzo w’ikirundi, iyo umuvyeyi akuye agahuzu akakwereka ubusa bwiwe, yaba akuvumye kandi yaba aguhebuye. umukenyezi arinze akura agahuzu, n’uko aba yabuze ikindi yokoresha mu gusohora iciyumviro ciwe."

Ingaruka zoba ari izihe kuri iyo nyifato

Kubw’uwo mwigisha muri kaminuza y’Uburundi, Leta yari ikwiye kwikubita agashi. "Abantu si inka bakama. Umuntu ni umuntu, akenera kugishwa inama mu ngingo zimufatirwa. Leta irakwiye kwitondera barya bakenyezi, irabe ububabare bagize". Umuhinga Burwabari aremera ko Leta ishobora kuba ikenye kandi ko ikeneye amakori ikoresha kugira ihembe abakozi bayo, ariko agasaba ko vyokoranwa ubwitonzi bwinshi.
"Abagore dutegerezwa kubasonera kuko niyo baronse udufaranga badukoresha ivy’ingirakamaro. Barafata neza urugo rwabo. Kuri Ico kibazo ca barya bakenyezi, birakwiye kandi ko abategetsi batandukanye ba kino gihugu, yaba ivyegera vy’umukuru w’igihugu, umuhuza w’abarundi nabandi ko bokwumviriza barya bakenyezi baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, atari uko, ibintu birashobora kuyangara mu misi iza kuko hashobora kubaho n’abiyahura."


Floxella Karire

Messages

  • Birababaje cane kubona leta umuvyeyi wa bose ibambura ibitenge vyabo kandi bica ku mipaka iriko abayicunga.ahubwo bari bakwiye kubariza muri 0BR kuko nibo bazi ingene ivyo bitenge vyinjiye nabo abo bakenyezibakabareka bakihangayikira nakare bafise intuntu nyinshi.

  • babahane kudakubita imbwa bigwiza imisega mumuco wabarundi bariyubaha barya bikuye agahuzu sabarundi kamdi gusaka frode ntaho bitaba nomuramerika hari za satelitte birahaba nibatange amakori igihugu cacu giterimbere

  • biraboneka ko vyabarengeye mukurinda biyambika ubusa mugikiriza nkibaza nti obr nigipolice gikorera kumupaka iyokiba kiraba mukurinda vyinjira bigashika mwisoko icombona nibareke kwibuts’akahitiye abobavyeyi bacu mukubugaza nayahandi nanjubwanje ndabona kw’atariheza murakoze

  • Ahubwo obr nyene niyo yotubwira ingene hvyinjira nayo barya bakenyezi babareke bihangayikire kuko iyo leta ndabona ataco ibafashije.none bashaka babeho gute? Murakoze!

  • nukwigumya nyine nibaharibakze ivyaha babireke

  • Iiyi nkuru y’uyu munyamakuru Floxella irahengeste , biraboneka ko mwene kuyandika yashatsatse ko igwa kuri politique gusa, je veux dire guharabika ubutegetsi gusa maze , ica irata uburyohe twari tuyizeyeko.
    Ehe raba, mu Burundi bwo hambere , kuri ba sogokuru na ba sogokuruza abakenyezi bikura agahuzu en signe de protestation bari bake kuko mu mico kama yiwacu , turaziko umukenyezi yararinda akaje , ivyo vyose vyashika mu rugo d’autant plus que mu gihe co kuja kubaka uwiwe n’abavyeyi , abaryango bakoranye bamusezera, bara mutegura neza ba kamuhanura bati genda wubake , naho umugabo yokubera igikoko urihangana niko zubakwa. Ukugumuka ntikwabaho, ivyashika nuko umugore yashobora kuva ku mugabo bimuremereye agasubira iwabo canke akaja kwa Ina senge nahonyene nta kindi bamuhanura atari ugusubira ku mugabo.
    Mugabo umushakashatsi Bugwabari Nicodemu yaciye ku masonga gusa avuga ivyo muri 1966 aho abakenyezi boba baraberyye agahuzu bereka umushikirangqanji yaje kubara ikuru y’ikurwa ry’ingoma y’Uburundi, aca atubarira ivy’ubugande na Nigeria n’ahandi mugabo yibagiye south Africa aho aba kenyezi birigwa bata impuzu bagasigara amenya bahenera abazungu , en signe de protestation, de desespoir kubera apartheid na za violations z’agateka k’abirabura.. ca c’etqit une lute politique.
    Urya mushakashatsi tuzi twese w’umu sociologue Bugwabari Nicodemu ntiyashoboye kwimba ngo ashike kw’isok,oNGO ADUHE INKURU SCIENTIFIQUE COMME LE SUGGERAIT LE TITRE, inkuru Atari politique. Vyinshi twabinye ko vyavuye kur internet aho kuva ku mutima wiwe canke mu bwenge ., Yashatse kwikoreza amabuye bamwebamwe tudashatse kuvuga mugabo le present article ntimudugije ama pete cane……
    Ivyo bica , vyerekana ko abo bakenyezi bo mw’isoko ryo kwa Siyoni bariku mohe, ngo bagambarare bakoresheje ubuhionga bushasha bwo kwerekana umubiri wabo, mugibe abandi plus sinceres babitanguye kera aaaaaa, ngaha ni ukuhagabora birashoboka ko hari manipulation. Ibizoza hirya yejo bozopba ari ugukura zose.
    A mon humble avis, uba muri mouvance canke opposition , la gestion d’un pays une arme a double tranchant kuko hose ruragukeba, abo bakenye3zi ni abacuruzi bakorera mw’isoko . kandi harya barishura ticket ya misi yose ga…..niba biyemeje ubucuruzi , ni bakurikize amategeko y’igihugu abiraba , niba bashaka gukurigwako ama taxe naho.,ni bishire mu ma association batore uwubaserukira aje kubibasabira mu nego zibijejwe, bareke kugira des manifestatios bêtes et maladroites zitabaha icubahiro. Hari urukurukuru ruvuga ko boba Atari abarun dikazi aho twohagabira , kuko twarinjiranywe n’abacongomani bakorera harya kwa Siyoni qui voudraient echapper aux taxes. Ikindi nzi nuko ata murundi yobona umukenyezi wiwe yiriwe m’wisoko amabere hejuru imbere ya za camera za www. Iwacu.org ngo abishimirwe.. n’uwo bubakanye peut importe la motivation. Mbe barya bakecuru nibo bafise ama capitaux menshi y’ibitenga , nta ba jeunes femmes bo mu buyenzi canke Kamen ge tuzi bacuruza ibitenge? Ko batakuye impuzu?
    Umunyamakuru yanditse ko ‘’abagore dutegerezwa kubasonera kuko niyo baronse udufaranga badukoresha ivy’ingirakamaro. Barafata neza urugo rwabo. Kuri Ico kibazo ca barya bakenyezi, birakwiye kandi ko abategetsi batandukanye ba kino gihugu, yaba ivyegera vy’umukuru w’igihugu, umuhuza w’abarundi nabandi ko bokwumviriza barya bakenyezi’’ Aho turahuza mugabo iyo ikibazo c’ama taxes ku bacuruza bose caje, nta emotions leta canke OBR igira igira, ahubwo niboshiore muri association , biyite cas social,barondere uwubaserukira aje ku negocia exoneration namwe ba Societe civile, hamwe na les media muherekeze dossiers zabo mubavugire…. Mureka gifata M Nicodemu ngo ariwe abasomera evangile pour justifier des agissement deplaces et illegaux.
    merci

  • Ni ugusenga cane kuko ibihe ni bibi umuti w’ikibazo si ukwitesha agaciro.Imana ibafashe

  • Uwo mupolisi wewe ariko yirabira amabere

  • Iyo Leta igizwe n’ibirobezo bitarezwe ivyiza muyizeyeko n’ibihe? Ntawutanga ico adafise. Ico bigishijwe mu bwana bwabo n’inzigo no kurya vyinshi inda ikarenga ijosi.
    C’est dommage mes freres

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.