Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPD : Ukwiyunga kwashigikiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > UPD : Ukwiyunga kwashigikiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu (...)

UPD : Ukwiyunga kwashigikiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

jeudi 8 Nzero 2015

Ukwiyunga kw’umugambwe UPD Zigamibanga ntikwashimishije bose, ndetse abari ku ruhande rw’abashatse kwiyunga bakaba banahatswe gutana mu migere.

Intandaro ya vyose nk’uko bivugwa na Zedi Feruzi, akaba ari ikete bandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana aho bamumenyesheje ko basubije hamwe amashami abiri yamuka kuri UPD Zigamibanga, ni ukuvuga uruhande rwari rurongowe na Zedi Feruzi rusanzwe rwemewe n’amategeko hamwe n’urundi rurongowe na Chauvineau Mugwengezo rutari rwemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Kuri uyu wa 8 Nzero, umurwi iyo mirwi yose ikaba yatanye mu migere, igihe hari akarwi k’abari mu mugambwe UPD Zigamibanga kashaka gukura Zedi Feruzi. Nk’uko bivugwa, akarwi k’abagabo batandatu bari barongowe n’uwutwa Cassim Abdoul kakaba bamenyesheje ko Zedi Feruzi akombowe mu mugambwe, ndetse ako karwi gafashijwe n’abaporisi kakaba kasohoye abashigikiye Zedi Feruzi bariko bashaka kwinjira mu ngoro y’uwo mugambwe isanzwe iri muri komine ya Ngagara.

Libere Midende umwe mu bari muri muri uyo mugambwe ishami rya Zedi Feruzi, akaba yaciye avuga ko Feruzi akuwe mu mugambwe, ko ndetse ariwe aciye amusubirira. Mukamenya ko umushikiranganji w’intaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana aja yamaze kuvuga ko ashigikiye uko kwiyunga kw’uwo mugambwe, ndetse akaba yemeye ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10, uwo mugambwe wotunganya ibirori vyo kwiyunga, ubwo bushikiranganji bukazoba bwanaserukiwe muri ivyo birori.

Libere Midende yavuze ko akuye Zedi Feruzi

Aristide Nizigire

Messages

  • Ukwiyunga kwimigambwe ntikwari kubi kugira bashire hamwe inguvu zo kwubaka igihugu. Ariko ivyabaye ubwambere umugabwe UPD-Zigamibanga wigabura nivyo bisubiye no mukwiyunga. Umwe yasimbiye kwiradio ngo naka turamukuye none ubu biyunze batari babivuganye kugira bagume batera ryarenga mukuzuragiza abazigamibanga, abagenderakaranga, nimurikizi. Abo bagumba bazuragiza umusi babahinyuye bizobagora kubegeranya kandi.

  • Akazi mokwiyiga turasavye kazobandanye nubwibitagenzeneza icokiyumviro mwatanguye cokwiyunga niciza ariko muracafise ikindi mukwiyegukora turakeneye kuzobona canke kuzokwimva atamuntunumwe yitwa umu Zigamibanga asunagurwa nuwoyariziko basangije Ubuzigamibanga turabasavyerero akokantu muzogatinganye.

  • turasavye ko mwo fatira ibihano muhamed feruzi nabo bari kum we mumigumuko yukwanka ko bokwiyunga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.