Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umu Papa mushasha ashobora kuva muri Congo Kinshasa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Umu Papa mushasha ashobora kuva muri Congo Kinshasa

Umu Papa mushasha ashobora kuva muri Congo Kinshasa

lundi 25 Ruhuhuma 2013

N’aba senyeri cumi n’umwe b’aba nyafirika hashobora kuvamwo uwuzosubirira Papa Benedigito wa XVI aherutse gutanga imihoho mur’ayo mabanga. Mur’abo, Cardinal Laurent Monsengwo Pasinyawo avuka muri Congo Kinshasa ashobora kugira amahirwe gusumba abandi.

Musenyeri Laurent Monsengwo Pasinya afis’imyaka 73. Ababirabira hafi babona ko ashobora guca imbere abo mu bindi bihugu nk’umunye Ghana Peter Turkson, umunya Nigeria John Onaiyekan canke umunye Guine Robert Sarah nabo nyene bavugwa ko bashobora gutorwamwo uwuzosubirira Papa.

Ariko rero, Musenyeri Laurent Monsengwo Pasinya n’umuntu yagumye ari mu vya poritike mu gihugu avukamwo. Ivyo mbere bigashobora kumwaka amahirwe yo gutorwa ngwasubirire Papa Benedigito wa XVI.

Naho biruko, Musenyeri Munsengwo agumana amahirwe menshi kuko n’umwizigirwa cane wa Benedigito wa XVI. Yaranamutoye mu kwezi kwa Gitugutu 2012, ngo baremeshereze hamwe igisabisho c’ubutumwa cabereye i Roma mu Butariyano.

Ni mu gihe hasigaye imise mike yitanguzwa ry’ibikorwa vyo gutora uwugiye gusubirira Papa bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2013 atagihindutse, ikinyamakuru Jeune Afrique caciye ku masonga ubuzima bw’uwuvugwa ko ashobora gusubirira Benedigito wa XVI.


Mariella Bukuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.