Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi CVR wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi ugeze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umugambi CVR wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi ugeze (...)

Umugambi CVR wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi ugeze he

lundi 21 Nzero 2013

Inyuma y’aho inama nshikiranganji irangije kwemeza integuro y’itegeko rigenga uyo mugambi wo kubwizanya ukuri hamwe n’ukurekuriranira mu Burundi, inama nkenguzamateka hamwe n’inama nshingamateka bizotegerezwa kwemeza iyo nteguro, imbere y’uko president w’Uburundi Pierre Nkurunziza, ayiterako igikumu, igahinduka itegeko.

Yamara igikorwa kiracari kirekire, kuko umurwi w’abantu 11 bazoba bagize uyo murwi ujejwe kubwizanya ukuri hamwe n’ukurekuriranira, usa n’uwutazohurirwako n’abarundi bose mu buryo bworoshe.

Nkuko professeur Fabien Cishahayo abimenyesha ngo igikorwa co kuvugisha ukuri naco nyene gisa n’ikitazokworoha, tutanavuze n’ukuntu igikorwa co gutanga indishi n’ugushumbusha abarenganijwe.

Ababarundi batari bake barabandanya gushikiriza ivyiyumviro vyabo vy’ukuntu ivyo bibazo vyose vyotorerwa umuti kugira cane cane abarundi bashimikire ku mugambi wo kwunga ubumwe bushimikiye ku mutima wo kwizerana no kurekuriranira.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.