Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi w’ugufashanya hagati y’Uburundi n’Ubudagi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Umugambi w’ugufashanya hagati y’Uburundi n’Ubudagi

Umugambi w’ugufashanya hagati y’Uburundi n’Ubudagi

mercredi 16 Gitugutu 2013

Ubuserukizi bw’Uburundi i Berlin mu gihugu c’Ubudagi, bwarateguye umugambi wo kumenyekanisha ugufashanya hagati y’Uburundi na Leta ya Bade-Wurtemberg. Muri ivyo bikorwa, iyo Leta ikaba yari yaserukiwe n’umushikiranganji ajejwe ivyo gufashanya n’ayandi makungu Peter Friedrich, ari kumwe na muganga Bizimana Eduard, aserukira Uburundi mu gihugu c’Ubudagi.

Ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka n’abanyacubahiro batandukanye harimwo uwari yaherekeje uwuserukira Uburundi mu Budagi Dietrich Von Berg asanzwe ari mu buserukizi bw’Uburundi i Stuttgart na Bavière, mu gihe umushikiranganji wa Leta yari yaherekejwe na muganga Christoph Grammer asanzwe ari umuyobozi bushikiranganji bw’ugufashanya n’ayandi makungu. Ico gikorwa rero kikaba cari catunganijwe n’ igisata c’ugufashanya n’iterambere muri Leta ya Bade-Wurtemberg buca hahimbazwa umunsi w’ukwiyunga kw’Ubudagi.

Uwo mugambi w’ugufashanya ni ngirakamaro ku gihugu c’Uburundi, kuko uretse ko bizofasha mu bijanye n’ugufashanya bizotuma igihugu c’Uburundi kimenyekana.
Muri ivyo birori, hakaba hari hatunganijwe utubazo ku bijanye n’imigenderanire iri hagati yayo ma Leta yose ukwo ari abiri, ni ukuvuga Leta y’Uburundi na Leta ya Bade-Wurtemberg. Abatsinze, bakaba bahabwa udupira tw’ukwambara, amakaramu, imipira y’ugukina, udusaho, n’ibindi. Igikorwa c’uguheraheza uwo mugambi kikazorangirana n’igice ca kabiri c’umwaka w’2014.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.