Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi wo gukundisha igihugu ugiye gutandukira igiporisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umugambi wo gukundisha igihugu ugiye gutandukira igiporisi

Umugambi wo gukundisha igihugu ugiye gutandukira igiporisi

mardi 6 Nzero 2015

Umurwi w’igihugu ujejwe ibikorwa vyo gukundisha abarundi igihugu umenyesha ko muri uno mwaka w’2015 bimwe mu bikorwa bizorangurwa harimwo gutanga inyigisho ku baporisi.

Ivyo babishikirije mu gihe bariko bamenyesha ivyaranguwe n’uwo murwi muri uno mwaka urangiye w’2014 n’ibigiye kuzokorwa muri uno mwaka w’2015. Muri uwo mugambi wo gukindisha abarundi igihugu bamenyesha ko uwo mugambi umaze kugira ingaruka nziza, kuko ingendo zimwe zimwe zigenda zihinduka bivanye n’ivyagiye bisabwa mu nganda zagiye zitegurwa, nk’uko abarongoye uwo mugambi babimenyesha. Nk’akarorero ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi ruraririmbwa mu mashure mato mato n’ayisumbuye. Bavuga kandi ko ikibazo c’amazi mu Gasekebuye cashoboye gutorerwa umuti bitumwe n’umurwi wakurikiraniye hagufi ico kibazo.

Kubw’umukuru w’umurwi ujejwe uwo mugambi, Thérence Mbonabuca, uwo mugambi warashoboye gukwiragizwa mu gihugu cose no mu ntara zose. Uwo murwi kandi ukaba washoboye gutunganya inganda 34 ku vyivugo bitandukanye, bari kumwe n’imirwi itandukanye. Ahanini ivyivugo vy’izo nganda bikaba vyashimikiye ahanini ku mategeko ya.Republika y’Uburundi, ukwihanganirana biciye mu biganiro, kwubahiriza ibimenyetso n’ibindi bijanye n’igihugu, kuriha amatagisi n’amakori, gukunda gutanguza imigambi, ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, n’ibindi.

JPEG - 70.2 ko
Thérence Mbonabuca

Uwo murwi kandi warashoboye gukwiragiza kuma CD ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu, ururirimbo ruhayagiza ubumwe bw’abarundi, uruhayagiza uwo mugambi, hamwe n’uruhayagiza akarere ka Afrika y’ubuseruko, uruhayagiza Melchior Ndadaye hamwe n’uwarwaniye intahe y’ukwikukira umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Mu mwaka w’2015, uwo murwi utegekanya kubandanya muri ubwo buryo nyene, ariko bavuga ko bazokorera cane mu gisata c’abaporisi, mu kubandanya bashimikira ku kwigisha akarangamutima k’umwuga wabo hamwe n’ingendo bofata na cane cane muri bino bihe vyegereje amatora, igikorwa co kurorera amatora, imyiyamamazo, hamwe no mu gihe c’amatora nyezina. Uwo murwi utegekanya gushiraho imirwi yigisha gukundisha igihugu no mu banyeshure bo mu mashure yisumbuye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.