Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi wo kugabanya ubushomeri ku rwaruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umugambi wo kugabanya ubushomeri ku rwaruka

Umugambi wo kugabanya ubushomeri ku rwaruka

vendredi 4 Nzero 2013

Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama bwarashizeho umugambi uzotuma igitigiri c’urwaruka ruheza amashuri n’urundi rutayahejeje rudafise akazi kigabanuka.

Mu gihe vyibonekeza ko urwaruka ruheza amashuri ruhura n’ingorane nyinshi kugira ruronke akazi,umushikiranganji w’inkino n’imico kama Jean Jacques Nyenimigabo yamenyesheje kuri uno wa kane itariki 3 Nzero 2013 ko ubushikiranganji arongoye bwateguye imigambi itandukanye izotuma igitigiri c’urwaruka ruheza amashuri n’urundi rutayahejeje rudafise akazi rugabanuka.

Kubwa Jean Jacques nyenimigabo, ngo ubushikiranganji arongoye bwarateguye ikiringo aho urwaruka ruhejeje amashuri ruzokwimenyereza mu mashirahamwe atandukanye,uburyo bwo kwiyunguruza kuri abo banyeshuri bukaba buzova muri ubwo bushikiranganji.

Umushikiranganji akaba yamenyesheje kandi ko n’urwaruka rw’abarimyi rutibagiwe kuko ikigega mpuzamakungu co guteza imbere uburimyi FIDA kizofasha muri uwo mugambi.

FIDA rero ikaba izotanga amafaranga angana imiriyoni 6 z’amadorare y’abanyamerika akaba azofasha urwo rwaruka mu migambi y’uburimyi hamwe no guhingura ivyo bimbuye.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.