Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD wabeshuje ko ufise ikoraniro kaminuza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CNDD FDD wabeshuje ko ufise ikoraniro kaminuza

Umugambwe CNDD FDD wabeshuje ko ufise ikoraniro kaminuza

vendredi 13 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’aho havugiwe urukurukuru ko hari ikoraniro kaminuza ririko ritegurwa ry’umugambwe CNDD FDD, uwo mugambwe wabibeshuje.

Mw’itangazo rito uwo mugambwe wacishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwa facebook rwawo rwitwa Cndd-Fdd Abagumyabanga, bagira bati :’’Komisariya ijejwe guhanahana amakuru mu mugambwe ‎Cndd FDD ‬iramenesheje ko atakoraniro ry’umugambwe ritunganijwe kuri uyu wa 14 Ruhuhuma mu mwaka w’2015 nk’uko bamwe n’abandi bagiye barabihanahana ku materefone no mu ma réseaux sociaux. Igihe umugambwe uzotunganya igikorwa nk’ico gihambaye uzobimenyesha abo vyega bose. Murakoze"

Uwo mugambwe uri ku butegetsi rero, ukaba ubeshuje ayo makuru, inyuma yaho abantu batandukanye bagiye barahanahana ayo makuru, bamenyesha ko muri iryo koraniro, kazoba ari akaryo ko kwitorera uwobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu mu matora ariko arategurwa yo muri uno mwaka w’2015.

Mukamenya ko iryo koraniro kaminuza risa n’iririndiranywe igishika ntangere n’abatari bake y’aba abarundi n’abasanzwe bafasha Uburundi, aho abo bose barindiriye kwumva namba abagumyabanga ba CNDD FDD bazosubira kwizera Petero Nkurunziza asanzwe arongoye igihugu, mu gihe abafasha Uburundi nk’Ubumwe bwa Buraya, Reta zunzubumwe z’Amerika bamaze kwerekana aho bahagaze mu kuvuga ko badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivya cndd fdd biracagoye , peter yanse gutegura uwumusubirira hakiri kare none ariko araburanirwa hirya nohino
    - gutanga ibirwanisho mu mbonerakure vyose birazwi, imikoshi
    - guhindura ibwirizwa shingiro vyaramwanikiye, imikoshi
    - gufuta amasezerano ya Arusha ariyo yamushikanya aho ari vyranse ,, ewe uwukize isemu yibagira acamwirukana,,imikoshi
    - ubu naho ariko yigisha amacakubiri kumwe ko mu Rwanda kuri Havyarimana en 1990-1994,,imikoshi
    - nibarondere uwundi azomusubirira ariko ntibigiye kuborohera muraya mezi atatu asigaye
    BONNE CHANCE ariko muravye nabi 2015 aba dd irabahitana,, imikoshi gusa

  • Yohani, urihumiye uzokwama wihumira akabikavamukanyakanyeneko!.

  • @Nuwera , ivyo vyose mvuze ntanakimwe mbeshemwo , nimba utabibona ufise igipfungu mumaso usanga uri muri bo nyene atakindi bajejwe atari irementanya ,, ntavyinshi mvuze.........................................................

    - we reo nimba utabibona ndaguhaye amezi akwirikira uzobibona, harinaho uzosanga ariwe uhumiwe Kubera iyo mikoshi n’imivumo

  • Mbegaye ntiwoza mwiyambika agatamana haa!!!nuwera uwozubunyene Nguyen nyereka izonkoho zahawe imbonerakure wozerekana?emwe bicatugoye kuvugukuri pe!!!ewemana gwino utore ishengero ryawe twimirije heza cane!!

  • ABA DD BOOOSE BANYOYE ISUPU Y IGIHUNA ....MBE NONE IYO CONGRE KO IDAKORWA NGO TWUMVE CANDIDATURE YA PETER ,MBE KO YINYEGEZA???MBE KO ATAZI KO BOOSE BAMWIYAMIRIJE N AMACAKUBIRI MENSHI ..HARI ABA DD MENGO BARAHUMIRIJE...

  • Reka turabe turabarindiriy banguha banyagihugu mwese mutemera kuguma mutwaro imwe ataco imariye abanyagihugu mwetegure gusidukana niyonka hamwe bohirahira twiteguriye kuraswa.

  • Twumvirije Canke Dusomye Ibivugwa Vyinshi Abomuyindi Migambwe Barabuze Ituze Kuko Batararabona/bumve Umucandidat Wa Cndd-fdd,nibarindire Bihanganye Imisi Ntirarenga.Ntagituma Urubanza Gwoba Rutangura 7h00du Matin Ukahashika Butaraca Ntabobatanguranwa.

  • Twumvirije Canke Dusomye Ibivugwa Vyinshi Abomuyindi Migambwe Barabuze Ituze Kuko Batararabona/bumve Umucandidat Wa Cndd-fdd,nibarindire Bihanganye Imisi Ntirarenga.Ntagituma Urubanza Gwoba Rutangura 7h00du Matin Ukahashika Butaraca Ntabobatanguranwa.

  • @ Bimamatwi, untumye umuziwibuye izonkoho uvuze zahawe Imbonerakure ntazonokwerekana kuko ntazobigeze bahamba nanje nabonye uwavyanditsenga aruwitwa Yohani uwoniwe wobibaza, hanyuma niwirambire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.