Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD-FDD wagirizwa gutangura imyiyamamazo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CNDD-FDD wagirizwa gutangura imyiyamamazo

Umugambwe CNDD-FDD wagirizwa gutangura imyiyamamazo

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Ukwiyamamaza k’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kwoba kwaramaze gutangura naho muri uwo mugambwe bavyamirira kure.

Mu runani ADC-Ikibiri uhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi baragiriza umugambwe CNDD-FDD ko watanguye kwiyamamaza kandi ikiringo gitegekanwa n’amategeko kitaragera. Nk’uko bisigugwa n’umukuru w’urunani ADC-Ikibiri, Leonce Ngendakumana, ibimenyetso vyinshi birerekana ko umugwambwe CNDD-FDD watanguye kwiyamamaza, aho agatanga akarorero k’ivyuma bishikana amajwi kure (baffles) vyashizwe ku ngoro y’uwo mugambwe, iri muri komine ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, aho baguma bacishamwo indirimbo ndetse n’ubutumwa, vyerekana neza ko imyiyamamazo yatanguye. Arongera agatanga akarorero k’imyiyerekano itunganwa n’uyo mugambwe, bakayitirira imyiyerakano y’amahoro ariko ubutumwa buhatangigwa ari ubwo kwiyamamaza.

Leonce Ngendakumana aremeza neza ko umugambwe CNDD-FDD uhonyanga amategeko, ko abashikiranganji nk’umushikiranganji w’intwaro yo hagati ndetse n’Umukuru w’umugwi ujejwe gutunganya amatora(CENI) bari bakwiye gufata ico kibazo mu minwe, aho haba aka mwana wa mama, bamwe batangura kwiyamamaza bahonyanze amategeko.

Umukuru w’umurwi utegura amatora(CENI), Petero Karaveri Ndayicariye amenyesha ko ayo makuru atayo baramenya ariko ko bagiye kubitohoza bazogira ico bashikirije mu nyuma. Mu mugambwe CNDD FDD nabo, babona ko ari ibisanzwe.


Alida S.

Messages

  • None adc nabo baricaye bareze amaboko? Ni bakore (mu kinyegero) barondere abanywanyi, bareke kuguma batera ubwoba no gutuma abobahaye amajwi bahunga ihihugu.

  • Genda nawe wiyamamaze bidakunze ubivemwo urek ababishoboye

  • Umutama Leonce Mumwubahe kuko aho muri n’ico muri ni ukubera urugamba rwa democratie yaharaniye.Mbega iyo Frodebu itabacira inzira mwebwe muba mubaho.Abahutu mubona kugasunwa k’amazuru yanyu

  • Jewe mbonahubwo Keonce ariwe arikwaramamaza Cnddfdd, mutigute? Jewe nduwambere ntazobura mukwiyamamaza kwa Cnddfdd ariko sindaja muriyomyiyamamazo ivuzwe na Leonce gusandamushimiye kwariko aramamaza Cnddfdd ariko nubwobirukwo ntabwo arikwarakoraneza kuko igihekitaragera cogutagura kwiyamamaza. Arikorero Leonce wibagiwe nokuvuga abiyamamariza mu Rwanda.

  • REKA UBWOBA LEONCE TEKANA KUKO GUTSINDA BIRACARI KURE GOSE NKUKWEZI NICO GITUMA MVUGA NTI TEKANA UMUTIMA UJE MU NDA.
    AMATORA NTARAGERA NGO MUKUBITWE IMPAGA.

  • Jembona Ko,bato Kwitwa Ngo Nimyiyerekano.Mugihe Bakoresha Indirimba Bava Bati Azitoza Nkurunziza.Ariko,igi Polci Kika Buraguza Abo Muyindi Migambwe. Niba Reke Nabandi Bashikirize Ivyi Yu Mviro Vyabo.

  • None adc nabo baricaye bareze amaboko? Ni bakore (mu kinyegero) barondere abanywanyi, bareke kuguma batera ubwoba no gutuma abobahaye amajwi bahunga ihihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.