Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD wakeje umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CNDD FDD wakeje umukuru w’igihugu

Umugambwe CNDD FDD wakeje umukuru w’igihugu

vendredi 6 Ntwarante 2015

Umugambwe CNDD FDD wakeje umukuru w’igihugu ku gashimwe aheruka kuronswa n’ishirahamwe ryo mu gihugu c’Ubuganda ABETO (Always Be Tolerent).

Nk’uko biri mw’itangazo uwo mugambwe washize ahabona, riterwako umukono n’umukuru w’uyo mugambwe umushingamateka Pascal Nyabenda, avuga ko inyuma y’ubundi bushimwe bwinshi umukuru w’igihugu amaze gutahukana butera iteka igihugu n’abanyagihugu, abaye umwe mu bashimiwe n’iryo shirahamwe ABETO, inyuma ya Nelson Mandela, Julius Nyerere, Salva Kiir, Meles Zenawi, na Yoweli Museveni, umukuru w’igihugu c’Ubuganda.

Uwo mugambwe uri ku butegetsi, ndetse usanzwe uvamwo umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, ukavuga ko unamushigikiye ku twigoro tumuranga, mu kurangurira ibikorwa vyiza abarundi, Uburundi n’amakungu. Tukabibutsa ko ako gashimwe k’ishirahamwe ABETO, umukuru w’igihugu c’Uburundi, yakaronkejwe kuri uyu wa 4 Ntwarante uwu mwaka.


IGIHE

Messages

  • Bamukeje kubera iki? Yafashe iyihe ngingo ifitiye akamaro abanyagihugu?? Aaaah! yaronse agashimwe k’agashirahamwe gatoya ko mu Buganda!!! Ok!

    Ni vyiza nanje ndamukeje. Ndumva ko twese bica bituma tuva mu ngorane y’ubukene bwugarije igihugu kandi hari akarwi gato cane kigaruriye ubutunzi bw’igihugu cose.
    Harya rya soko ryiturira ryonyene...ca kibanza ngo kizohabwa abashinwa...umuryango umwe w’umurundi ..... imyaka mirongo itanu!!!
    Ariko ntaco abanyagihugu turanezerewe kazima yaronse agashimwe. Ivyo birakwiye.

  • Uwubizi izibihe ? ntawujundwa nabose ibiraruro nivyo kayamare

  • Hasigay koo bamuha nagashimwe nkumukuru wubundi yishe abanyagihugu basangiy ubwoko benshi kurusha amareta yose yabayeho mu burundi .

  • @Rumuri
    Basi mu kwandika hoho ba ubanza urabe urudome ugira ukoreko!! Biraboneka ko wanditse umutima utari mu nda!
    Ariko nta ngorane di Rumuri kazima yaronse agashimwe. Turanezerewe twese Abarundi. Ahubwo dukwiye kumara 2 jours mu myirekano mw’ibarabara twerekana akamwemwe!!!

  • Ahubwo il faut enqueter si iryo shirahamwe ribaho. Ko ritahaye umukuru w’igihugu cabo? Ukuntu tuzi Museveni, ishirahamwe ryoba rifadika, rigahereza agashimwe umukuru w’ikindi gihugu, rikabandanya ata ngorana? Mbe hoho mu Burundi hariho amahoro?

  • Ahubwo yari kugahabwa na vabashinwa agire yegurire ya soko nkuru kandi abarundi bahahombeye ataco yabafashije!

  • umukeza siko!!!!!!abanyamugambwe bamutumye ryari?yabikoze kugatwe kiwe.Umugani yacira abandi wamugarutseko;ukinda ugaramye,wubamye,ntituri ABAJA bawe;rekura iyomanda wigire amahoro kuko n’agashimwe kitiriwe Ibrahim amatwi ansumira ng’uri mubagiye kukaronka mugabo kazoba kitwa:’abahemukiye ababatoye’.

  • Natwebwe abarundi tuzomushimira vuba kubibi vyose yakoze

  • Ahubwo n’ubundi bushimwe buri mu nzira. Mbega uwutomushimira yoba uwande? Ahubwo uwumwanka amwandureko.

  • ahubwo iryoshirahamwe ntirizi gutanga agashimwe aho ryabuze kumuha agashimwe kimifuko yi ciment kugira bamwubakire agasho kiwe be na dorufu.

  • Yimirije kuronka akaba motard na taxi velos aha igiturire ngo bamutegere avuye kuzana agashimwe kudushirahamwe duto nkutwo!!!That’s a shame!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.