Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD uratera ivyatsi ugushaka kugandagura abatavuga rumwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CNDD uratera ivyatsi ugushaka kugandagura abatavuga rumwe (...)

Umugambwe CNDD uratera ivyatsi ugushaka kugandagura abatavuga rumwe n’ubutegetsi

mercredi 18 Ntwarante 2015

Mu gihe hasigaye amezi abiri gusa kugira amatora atangure mu Burundi, mu mugambwe CNDD batangazwa n’ingene umutekano kuri bamwe wabaye akananirabahinga, co kimwe n’ugutoteza abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi.

Leonard Nyangoma umukuru w’umugambwe CNDD, akavuga nk’ivyashikiye umukenyezi wa Agathon Rwasa yarashwe Imana igakinga, urutonde rw’abanyeporitike, abamenyeshamakuru hamwe n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike bivugwa nabo ko bashobora kuzogandagurwa. Umukuru w’umugambwe CNDD usanzwe uhurikiye mu runani ADC Ikibiri, akaba yiyamiriza iyo ngendo mbere anayitera ivyatsi. Leonard Nyangoma akagiriza intwaro ya CNDD FDD ko ariyo ituma umutekano muke urangwa mu gihugu, bikozwe n’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, gupfungira abantu ubusa na cane cane abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na Reta, hamwe n’ukwanka ibiganiro hagati y’abanyeporitike bahunze igihugu nka Leonard Nyangoma arongoye CNDD hamwe na Alexis Sinduhije arongoye MSD.

Tukaba twobamenyesha ko abo banyeporitike babiri basanzwe barahunze igihugu, imigambwe yabo ikaba yarabatanze kuzoyiserukira mu guhiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ariko mu mezi abiri gusa asigaye kugira amatora abe, bakaba batarashobora kugaruka mu gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Komera mutama wacu wuburundi ariko imana yatuvumye gute abahutu kubona umushigantahe wubwege nkanyagoma tutamutora twopfuye uruki

  • Reka Nwari ni hatari! Abagabo barakora imbwa zikarya! Yarabakoreye none barivye bararya barahimba baribagira iyobavuye none bariko baraduhimbigwako. Ikibabaje nuko nuwabahagejeje impembo yiwe yabaye kumwicira mukuruwe, umuhisi Docteur Jean , hamwe no kumwangaza.

  • @ Nwari, yowavugati abahutumwabayegute ukarekakuvugango abahutu twabayegute warikubiki konumusi muburundi ataribibi kwivuga uwuriwe kandi atacobigitwaye?

  • @nuwera mbe wewe aho ko wakwandika iciyumviro cawe ujejwe jewe ok aho ushaka kushira,hose ariko reka ndakurahire nyoko ko iyo ataba(Nyagoma) nta arusha ?iba ihari?? Haba abatutsi haba abahutu ntamuntu numwe yari guhabuza democratie ariko raba ubu mwese mwirigwa muririmba (arusha)none uwayizanye arihe??? Wakizezewe nuwera democratie =Nyagoma=arusha=nyagoma tuvyanka tuvyemera histoire izobitubwira iki kuru noko umututsi ahibawe umuhutu ahibawe kuko nivyo Nyagoma yashaka naho hakiri ibibuze kandi ntugire ubwoba aracahari azobigwanira @mahoro komera ncuti yanje

  • Nigwo twapfuye nigihugu baconone mbere muraraba neza ko bazovaho bakidandaje
    Je mwali mbona ariwo mugambi bafite ntamutima bafite wogukunda igihugu nabanyagihugu ariko kubera aribo bamutora niba atari abanyagihugu bibwa amajwi
    Nibemere barakunze iyo ntwaro yamaze abantu nubukene ntangere ngo bari nivyo badukoreye nibabise abandi.

  • @ Nwari, narinakubwiyeko warikureka kwiyita umuhutu mwijambiwavungo gwariko Imana yatuvumyegute abahutu mugihewe urumueundi womubwoko bwabatutsi kandiburundi uyumusi ntanumwe yobura ijambo ngonuko aruwo mubwoko kanaka, nayo ivyovyiza wavuze nyangoma yadukoreye ndabizi ibibiyadukoreye ndabizi kandintibikenewe kondabivuga ukwarikwose nyangoma ndamukunda kuberuvuiza yakoze kandinkongera nkababazwa nibibiyakoze, arikonawenyene Nwari ndagushimiye kuzikonyangoma yakozeneza kantintuzohindure kukomumisitarambiranye Nyangoma araza gufatikanyanabandi mukuyobora igihugu igiherero uzikwumva asamirana tumujamashi ntuzishavure ngucumwitako yahemutse ubonako uwemeye gukorera igihugu kuribamwe bacabamwita umwasi uwugiye kumusizi gutukanirayo bakamwita mutama.

  • Ahubwo wawundi babwira ngo arabe umwansi wiwe ari imbere yiwe nawe akabishura ati urya ndamubona kuko niwe duhanganye ati uwumbangamiye nuzanana inyuma yanje mubo turi kumwe na Rwasa araraba neza ntahave asamazwa nabo barikumwe yigira ngo ni abakunzi ahubwo yorabira murabo yita ko ari abagenzi nayo umwasi wiwe aramuzi. uwahatswe kumuhekura suwo muri opposition arahagabira.

  • Kutazi ivyo yakoze wakijujuwe urabura kuvuga gutyo??Igihe abantu bariko bicwa na SUTAMA mumashamba nawe ariko agurisha abana bigihugu bariko bararwana urugamba wari hehe wewe???amasasu ibirato vyari bibagenewe arabanza azane iyo yabishize,harya ntiyahunze birya uzi ivyo utazi nivyo vyinshi wewe uracari umwana ntavyo womenya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.