Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe FNL urongowe na Miburo uriteguye kwakira Rwasa Agato - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe FNL urongowe na Miburo uriteguye kwakira Rwasa Agato

Umugambwe FNL urongowe na Miburo uriteguye kwakira Rwasa Agato

lundi 13 Rusama 2013

Umugambwe FNL urongowe na Manweli Miburo waruguruye ingoro y’umugambwe muri Komine Isale mu ntara ya Bujumbura kuri uyu wa 12 Rusama 2013.

Abayoboke b’uyo mugambwe bo muri iyo Komine ya Isale ndetse n’abo muri komine Kanyosha, bari basidukanye n’iyonka mu birori vyo kwinjira ku mugaragaro iyo nyubakwa y’umugambwe wabo.

Muri ivyo birori, umukuru w’umugambwe FNL miburo Manweli avuga ko bariko barita ku rutare kugira basubize umugambwe akanovera na cane cane mu kugarukana abanywanyi babo bagiye, mu guha iteka uwatanguje umugambwe wabo Gahutu Remi ,ndetse bakaba baciye bakira n’abanywanyi bashasha hamwe n’abandi bari barawigeze inyuma yo kuwuvamwo.

Ku bijanye n’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe rivurwa mu ntumbero yo gutora abarongozi bashasha b’umugambwe hamwe no kwiyunga hagati y’imigambwe yamuka kuri FNL, umuvugizi wa FNL irongowe na Manueli Mibiro avuga ko ata numwe azokumirwa mu matora canke mu kwiyunga. Bigirimana Yakobo amenyesha ko Rwasa Agato nawe nyene arekuriwe kuzitoza hamwe yoba abishaka.

Umuvugizi wa FNL irongowe na Miburo, aheraheza asaba abanamarimwe b’umugambwe FNL kw’itegura kugire baze bakire n’igishika ntangere uwahoze ari umukuru w’umugambwe wabo Rwasa Agato, azoshika mu gihugu c’Uburundi muri iyi ndwi twatanguye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.