Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe Uprona witeguriye kwiyunga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe Uprona witeguriye kwiyunga

Umugambwe Uprona witeguriye kwiyunga

dimanche 14 Ndamukiza 2013

Umugambwe wa Rwagasore waratoye inzego z’imihari ziwukomokako, ariyo umuhari w’urwaruka JRR, be n’umuhari w’abakenyezi UFB kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2013.

Ivyo birori vyari vyatewe iteka n’Umushingamateka Karori Nditije, asanzwe ariwe awurongoye ku rwego rw’igihugu, inyuma y’ikoraniro kaminuza ryabereye i Gitega. Twobibutsa ko iryo koraniro ryari ryateye impari ndende, kubera urubanza rwari rwashingishijwe n’uruhande rwiyemeje gusubiza umutamana Uprona.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’umugambwe,yamenyesheje ko bariko barakora uko bashoboye, kugira umugambwe wabo usubize hamwe, na cane cane ko arivyo yiyemeje ahejeje gutorwa mu mabanga arimwo.Yaheraheje asaba ko ata ruhande na rumwe rwodadaza , ati ntihagire n’urundi rwibaza ko ruzobanza gusenyura urundi kugira umuti w’ikibazo utorwe.

Nayo kurundi ruhande, Umwigisha Varisito Ngayimpenda avuga ko atumva akamaro kayo managurwa y’iyo mihari , kuko biriko bikorwa n’uruhande rumwe, ati ubwo buryo bwari bukwiye gutegekanywa, bukazofasha mu gihe cisubiza hamwe c’abanywanyi b’umugambwe.Twobibutsa kandi ko hari hatowe abashingantahe boza gufasha guhanura impande zose ariko birasendwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.