Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe wa 46 wemerewe gukora ku mugaragaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe wa 46 wemerewe gukora ku mugaragaro

Umugambwe wa 46 wemerewe gukora ku mugaragaro

jeudi 5 Kigarama 2013

Umugambwe wa 46 waraye uvutse. Uyo mugambwe witwa APDR Urunani rw’Amahoro ukaba ugizwe ahanini n’urwaruka ruvuga ko rwavuye mu runani ADC Ikibiri.

Laurent Manirakiza arongoye uyo mugambwe mushasha, amenyesha ko biteguriye kuja mu matora yo mu mwaka w’2015, kugira bashobore guhiganwa n’iyindi migambwe. Uwo mugambwe rero ukaba wari umaze igihe unuganurwa ko ushobora kuvuka inyuma y’aho, habereye ikoraniro rya rumwe mu rwaruka rwavuga ko ruhurikiye mu runani ADC Ikibiri, rwamenyesha ko ruvuye inyuma y’abarongoye Ikibiri.

Abari muri ADC Ikibiri, bakaba bamenyesha muri ico gihe ko ivuka ry’uyo murwi, vyari ibikorwa vy’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ashaka kubacamwo imirwi, no kuza arafasha ivuka ry’imigambwe yiyita nyakuri, aho gufasha imigambwe yacitsemwo amashami, kugira isubire hamwe yiyunge.


Aristide Nizigire

Messages

  • hahhhhh,abanyepolitique barasekeje noneko uburundi ari buto bakaguma bashinga imigambwe bazashinga kugeza kuri ingahe? Kimbe ko bose bashaka gutwara uburundi ari buto bizagenda ute la? Iyi migambwe ivuka niyo izatera ingorane munyuma.

  • Nibareke kwambika ibara umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu ngo arasambura imigambwe nabo nibasambure uwiwe!

  • Ewe mburakimazi z’abarundi mubura gukoresha amaboko yanyu mukirirwa muma politike ataco azobamarira mu crea imigambwe itagira ico ifasha igihugu atari ukunywa amaraso y’abandi, mukirirwa murasiyona ibihugu ngo bibafashe ataco mushobora kwimarira nukuri igihugu cacu kigeze aho umwansi ashaka imana yoyenyene niyo ikwiye kudusova ahandi ho igihugu kitwagwa n’abacangero.

  • Hahahahh abandi bashinga ama campany nabo birukira imigambwe niho ubwenge bwabasigiye hanyuma ukunva ngo ubukene mugihugu none igihugu cotera imbere gute badateye imbere muvyiyunviro?baze batemberera ibihugu vyabongereza baraba Politique yabo.

  • Ama entreprises yo gucanishamwo abarundi abandaya kwiyongera. Mbe amashirahamwe yoteza imbere uburundi ko bigora kuyemerera bakayasaba n’amakori yo kuyacinyiza,imigambwe izoha akazi abarundi bangahe?

  • Ama entreprises yo gucanishamwo abarundi abandaya kwiyongera. Mbe amashirahamwe yoteza imbere uburundi ko bigora kuyemerera bakayasaba n’amakori yo kuyacinyiza,imigambwe izoha akazi abarundi bangahe?

  • haaa iciyumviro cogushinga imigambwe sico coza imbere.ahubwo nibave hasi bakoreshe amaboko niryo terambere mugihugu.none iyomigambwe izunguriki umuryagihugu umwe yibera muminyaganyaga?atari kumurya inguvu gusa! akataraza karinyuma.

  • Mw’ijambo ry’Imana handwitswe ngo:«Hazozimira izagenewe kuzimira »erega abo bakwirikira edouard sibo none ko ariko vyanditswe jewe narabivuze ndabisubiriye uwumwaka nyene IMANA igire vyerekane ububasha bwayo k’uburundi kandi impera irateguye kubikwiranye nico umwumwe yakoze ,kucerekeye umugambwe mushasha nawo nibashinge ikibabaje nikimwe bazicuza atako bakigira ,nti twokwibagira uruhara rwa JRR mumyaka iheze ,uno munsi ni IMBONERAKURE ejo n’abandi ariko iconzi co IMANA IZOSHITSA ISEZERANO ijambo ry’IMANA rirongera riti :«Ivyo murabikora nkihorera mukibaza ko mpwanye namwe ,umunsi urizina nzobigaragaza imbere yawe amahanga abireba ,kumbure rero muhunge uburake bw’Imana .Ndongeye kunegura uwu yanditse itarike 5/12/2013 igihe c’isaha 13h17,reka kwikwegera umuvumo w’IMANA kuko umugabo si urucumu .Yaba wategera wokwisengeye gusa kandi mwumvirize nimburi abakozi b’IMANA baburiwe n’uwuhoraho Imana yacu .Ndangije nsaba UWITEKA ngo azigame uburundi n’abarundi kandi ndazi ko izobindonsa kuko ntaco ndayisaba ngo intetereze kanatsinda ntawayisavye mukuri ngo amaramare

  • Iyomuntu yigize uwuz’Imana gusumbabandi kombona jewe ndamubonyemwo tubiri! Umvukondamubonye jewe arakunda bimwevyahatali ADC abonyeko abanabahabona bakuyamaboko kuri ADC aciyeyiruka kuturonderera imirongo yomuri bibiriya umvadakubwira murasaba mugasabanabi wewe nambuz’Imana vyukuri ntiwarigushigikira bariya cankengugaye bariya ukwosikwo abafise ubwenge buvaku Mana bavuga umva ukowarikuvuga: ubwambere warikubasengera, 2 warikubwira Imana uti: Mana bibe ukwugomba noyokuvugango ejohari JRR nguyumusi ni Imbonerakure ngwejo nabandi, iryonibanga ry’Imana kuko ejohashobora kuzoba hageze umusi w’Imana wogucira imanza abarikw’Isi yose wewe nanje nabandi nonewumvahariho abazobabasimbuye Imbonerakure! wihane nihane bihane kukubwami bwomw’Ijuru burihafi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.