Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugwi CNTB ujejweamatongongo ntiwashoboye gushira mu ngiro ingingo yo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umugwi CNTB ujejweamatongongo ntiwashoboye gushira mu ngiro ingingo yo (...)

Umugwi CNTB ujejweamatongongo ntiwashoboye gushira mu ngiro ingingo yo gusubiza inzu iri muri komine Ngagara

vendredi 25 Nzero 2013

Umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB,ntiwashoboye gushira mu ngiro ingingo yawo yo gusohora Nyakabeto Justin mu nzu iri muri quartier ya 5 iri muri komine ya Ngagara kuko urwaruka rwariruhari rutabakundiye.

Hari mu gitondo co ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 23,uku kwezi aho abantu barenga 50 bagwiriyemwo urwaruka bazinduka bicaye imbere y’inzu ya Nyakabeto Justin mu ntumbero yo kuraba ingene CNTB isohora uyo mu gabo mu nzu yiwe.

Iyo nzu ikaba ari iyiwe kuva mu mwaka w’1982.Nyene iyo nzu akaba yemeza ko yayiguriye uwitwa Pierre Bizimana,uwo nawe akaba avuga ko yariyayiguze mu 1972.

JPEG - 77.5 ko

Ubu rero nyene iyo nzu akaba ata ishavu ku mugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB irongowe na musenyeri Sérapion Bambonanire.Mu mwaka w’2009, mugihe uwo mugwi wari urongowe na nyakwigendera patiri Aster Kana,uwo mugwi wari wavuze ko urwo rubanza batarwakira, ko ari urw’ubutungane, nkuko bishikirizwa na Justin nyene iyo nzu.

Nk’uko abandanya kubivuga ati: «mu ndwi iheze nagiye mbona umukozi wa CNTB,aje kumbwira ko ntegerezwa gusohoka iyi nzu,kandi mu maguru masha,ivyo bikaba vyabaye mu gihe nari nasavye uwurongoye uwo mugwi ko yonyakira akanyumviriza,ariko ntiyashatse kuvyumva».

Umwe mu banyagihugu bari ngaho akaba yatewe n’agashavu agira ati: «None hagati y’urwego rw’ubutungane n’umugwi CNTB ikiri hejuru y’ikindi ni ikihe?»


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.