Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhari wa JRR wahisemwo inkino mu gukebura urwaruka rwo mu yindi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umuhari wa JRR wahisemwo inkino mu gukebura urwaruka rwo mu yindi (...)

Umuhari wa JRR wahisemwo inkino mu gukebura urwaruka rwo mu yindi migambwe

dimanche 12 Nzero 2014

Urwaruka ruhurikiye mu mugambwa w’Abadasigana UPRONA rwarateguye inkino z’umupira w’amaguru, n’iz’umupira w’amaboko Volleball na Basketball ku bibuga vy’ahatazirwa «Soquartier» muri Komine Musaga.

Kuri uwu w’agatandatu igenekerezo rya 11 Nzero, urwaruka ruri mu mugambwe w’Abadasigana Uprona rwarateguye inkino zahuza urwaruka rwo muri Komine Musaga ahanini rwo muri uwo mugambwe. Inkino zarangiye nk’igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, zakwirikiwe n’urugendo rwashikanye abaraho bose mu kibanza c’inama kiri ahitwa «Petit Seminaire de Kanyosha» aho bari bagiye no kwivuna akanyota.
Ivyo birori vyari vyitabwe n’abaserukira urwaruka rwa JRR muri Komine Musaga, uwuserukira uwo muhari mu gisagara ca Bujumbura, uwuserukira umugambwe muri komine Musaga, musitanteri wa Komine Musaga yatowe muri uwo mugambwe, hamwe n’umunyamabanga wa mbere ku rwego rw’igihugu yari yahishikiye.

JPEG - 26.8 ko
Florent arongoye muhari wa JRR muri Komine Musaga

Uwurongoye umuhari JRR "Jeunesse Revolutionnaire Rwagasore" muri Komine Musaga yarafashe ijambo yakira abashitsi yongera akengurukira abitavye ivyo birori. Yamenyesheje ko intumbero yabakoranije kwari kwipfurizanya umwaka mushasha w’2014, hamwe no kwerekana abagize umuhari wa JRR muri komine. Florent, mw’ijambo rwiwe yaragarutse ku mategeko amaze iminsi ateye impane mu gihugu, ayo ni itegeko rishasha rigenga umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo «CNTB», isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro, hamwe nawa murwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira "CVR". Aho yaciye asaba abari mu nzego zo hejuru mu gihugu cane cane abatowe muri uwo mugambwe kuhamerera magabo, maze bahagararire inyungu z’abenegihugu kandi bakinge ingorane zose zishobora gushikira urwaruka rwose rwo mu migambwe itandukanye. Florent ahamagarira urwaruka rwose kwibagira ubutandukane ubwo ari bwo bwose maze barabe imbere, kuko kazoza k’igihugu kari mu minwe yarwo.

JPEG - 29.2 ko
Patrick arongoye umuhari mu gisagara ca Bujumbura

Patrick arongoye uwo muhari mu gisagara ca Bujumbura, yamenyesheje ko iyo ari intango y’umwe mu migambi uwo muhari wihaye. Abandanya amenyesha ko inkino ari kimwe mu bintu bifasha gushira hamwe, cane cane muri kino gihe urwaruka ruriko rujuragizwa n’abanyeporitike barondera inyungu z’abo. Ati : "Iruhande yo kwinonora imitsi, harimwo no kumenya ko uwo mudasangiye umugambwe hari vyinshi muhuriyeko narirya igihugu ari ica bose kandi bategerezwa kucubakira hamwe. Patrick abandanya avuga ko umuhari wa JRR wegukira umugambwe w’abadasigana UPRONA ugomba Kwereka urundi rwaruka rwo mu yindi migambwe ko aho gushihana ahubwo rwogira imigambi yobahuza kugira bibuke ko igihugu kirindiriye bo muri kazoza. Arangiza avuga ko inkino nk’izo zizoba muma komine yose yo mu gisagara ca Bujumbura kugira ubutumwa buciye mu nkino bushikire benshi.

Abafashe amajambo bose harimwo Gaston Sindimwo, umunyamabanga wa mbere wa UPRONA ku rwego rw’igihugu n’uwuserukira umugambwe ku rwego rwa komine barashimye bongera barahumuriza urwo rwaruka ko ata tegeko na rimwe ridatomoye abari mu nzego z’igihugu bazoreka ngo rirengane ko rero rwogumiza icizere ku baserukira umugambwe bari mu nzego zifata ingingo.
Muri izo nkino harimwo bake batari muri uwo muhari, abo nabo barashima iyo nzira urwaruka rwo muri UPRONA ruriko rucishamwo urwaruka kuko inkino zitavangura kandi iri igikoresho gikomeye co gusubiza hamwe kandi ni akaryo keza ko kuvugana ico aba n’abandi badahurizako.

Amajambo aheze abashitsi barasezeye maze abasangwa basigara barasoma ku gitereko cari gisigaye.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • JRR komera turabakunda kuko mukomezakwerekana ineza mugihugucanyu mugihabandi iyobagize ababashavuza bavugango bazorekura urwarukarwabo bahangane nukuvuga barwane. JRR oyeeee! JRR rambaaaa! JRR shiriraaaa! murakoze.

  • jrrr tsinda jrr nguvu twese urwaruka tuve hasi twitwararike ineza y’igihugu cacu hamwe n’iterambere muba jeune ndakengurukiye aba jrr bo bama batanga akarorero keza muguhuza abandi ba jeune badasangiye umugambwe kugira ngo baganire kuneza yigihugu cabo gwaruka ikangure mureke gukurikira ubwije abo baduhenda batubwira ngo tuje muma barabara ntanumwe afise umwana wiwe azozanaa mumigumuko canke uwo bubakanye ariko ashaka mwebwe mumukurikire nkuko umengo bo ntabana bafise ikangure tureke gukurikira abadusubiza inyuma ngo dusubire kuryana ataco dupfa kandi dusangiye igihugu c’amavukiro none nobasaba ko uwo wese azoza akwereka inzira yo kuja kugumuka uramwankira kuneza yawe no kuneza y’abarundi bose kugira ngo natwe ej tuze tumubwire ko yihenze nashaka gusubira gushimira urwaruka rwo muri UPRONA kuko kugera ino saha tugezeko nta nduru rurtera canke imidugararo komera kandi mubwire n’abandi ko uwitonze amira ibinoze kandi ko inyishu atava mumigumuko ariko mubiganiro murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.