Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu yarakiriye icegera c’umunyamabanga mukuru wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umukuru w’igihugu yarakiriye icegera c’umunyamabanga mukuru wa (...)

Umukuru w’igihugu yarakiriye icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU

dimanche 3 Ruhuhuma 2013

Murugendo rwiwe mu Burundi kuva kuwa 1 Ruhuhuma 2013, icegera c’umunyamabanga mukuru wa 0NU Hervé Ladsous ashinzwe ibibazo vya politike, yarakiriwe n’umukuru w’igihugu c’u Burundi kuri uyu wa 2 Ruhuhuma 2013.

Uwo mushitsi, yabanje kwifuriza abarundi bose umwaka mwiza, imbere yo kumenyesha ko asangiye umubabaro n’abahuye n’ingorane zatewe n’umuriro watikije isoko nkuru ya Bujumbura, n’ivyarimwo vyose mu ndwi iheze. Yarongeye arakeza abategetsi b’u Burundi, k’ukuntu bashoboye kubungabunga amahoro n’umutekano muri iyi myaka iheze.

Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU aranashima utwigoro tw’u Burundi mu kuja guhagararira amahoro n’umutekano mu bindi bihugu, nka Somaliya na Sudani. Kuruhande rwiwe, umukuru w’igihugu c’u Burundi Pierre Nkurunziza, yarashimiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku kuntu ryagumye hafi u Burundi mu bihe bitari vyoroshe, na cane cane mu kiringo c’umugambi w’amahoro.

Yaramenyesheje ko u Burundi bwiteguye kurungika ingabo muri Mali, igihe ubumwe bwa Afrika bwobisaba. Uwo mushitsi nawe yamenyesheje ko ONU izofasha u Burundi mu matora yo mu 2015.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.