Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abageze mu zabukuru bakwiye kugarukirwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Burundi : Abageze mu zabukuru bakwiye kugarukirwa

Burundi : Abageze mu zabukuru bakwiye kugarukirwa

mardi 1er Gitugutu 2013

Abantu bageze mu zabukuru, n’abantu bakeneye kwitabwaho gusumba ku bw’amagara make baba bafise. Ariko, kugira amagara make, ntibisigura kugera mu zabukuru. Ikigaragaza ko umuntu ageze mu zabukuru, n’imyaka myinshi aba afise.

Igenekerezo rya 1 Gitugutu uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abahumure. Icivugo c’uno mwaka akaba ari: "Kazoza dukeneye : ivyo abahumure bipfuza". Icivugo catowe bahamagarira amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, amashirahamwe mpuzamakungu n’ama Leta yose kugira mu migambi yabo y’iterambere mpuzamakungu, bashireho igisata co kwitaho abasaza.

No mu guhugu c’Uburundi, uwo munsi wahimbajwe, ibirori bikaba vyabereye mu ntara ya Gitega. Muti none ubuzima bw’abasaza bwifashe gute mu Burundi muri kino gihe?

Inyamakuru IGIHE caganiriye na bamwe mu basaza bo mu gisagara ca Bujumbura, barigana ubuzima babayemwo. Diyoniziya Ntibashirandevu, ni umwe mu bageze mu zabukuru aba mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Kinama, akaba afise imyaka 96 y’amavuka ariko akaba atunzwe n’ugusabiriza mw’ibarabara. Yagize ati : "Abantu bageze mu zabukuru, ni abantu baba batorohewe mu mibereho ya minsi yose kuko atanguvu zo gukora zikwiye baba bagifise kugira bibesheho. Uretse kubura inguvu, hari ugukikwa n’amagara, aho mbere abatari bake barwara indwara y’uruhumyi, ugasanga ntibabona, canke bakagira ingorane z’amafyigo hamwe no kurwara umugongo kubera ubusaza. Abadahuye n’izo ngorane nabo, ntibaronka uwubafasha haba mu kubaronsa uburyo canke ngo abavugire ingorane baba bafise na rirya n’abatari bake baba batakivuga na neza.

JPEG - 45.1 ko
Diyoniziya Ntibashirandevu w’imyaka 96

Ku bijanye naho n’uko abantu bageze mu zabukuru baca baja mu bigo babakurikiraniraho, Diyoniziya avuga ko amaze guhura n’abandi batari bake bakigorewe mu mabarabara kuko baba batarakwiza imyaka yo gushobora kwakirwa. Iyo myaka nayo akaba ari guhera ku bafise imyaka 70 y’amavuka no kuduga. Ariko, n’aho biri ukwo, hari ababa batarayikwiza ariko batagishobora kwibeshaho na cane cane mu bihugu bikenye n’Uburundi burimwo, kuko ata buryo bwo kwifashisha bukwiye buba buhari.

Mu gihugu c’Uburundi, haracakenye ibigo vyo kwitaho abakuze, abenshi bagaca baguma bagorewe mu mabarabara bashera. Diyoniziya, umwe mu bageze mu zabukuru asaba ko boronswa imfashanyo kugira bave mu bukene, bongere baronswe n’imiti kuko abatari bake babura ingene bashika kwa muganga.

Mw’ijambo yashikirije kuri uno munsi wahariwe abageze mu zabukuru, Ban ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagize ati : "Abageze mu zabukuru ni abantu bari bakwiye kwitabwaho bimwe bikwiye. Mu mwaka w’2015, abantu bageze mu zabukuru bazoba biyongeye incuro zibiri kurusha abana baba mu bihugu biteye imbere. Bikaba bitegekenije kandi ko igitigiri cabo bageze mu zabukuru ciyongera incuro zibiri mu bihugu biriko biraja mw’iterambere."

Ban Ki-Moon yahamagariye ibihugu vyose vyo kw’isi kwubahiriza agateka k’abageze mu zabukuru bose, kububaha mu vyicaro vyabo, na cane cane kubakingira ivyo vyose bibuza kwiyungura ubumenyi mbere no kubashigira mu mibereho yabo ya minsi yose.

Mwomenya ko umunsi mpuzamakungu wahariwe abageze mu zabukuru washinzwe igenekerezo rya 14 Kigarama umwaka w’1990.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.