IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Ingoma z’Uburundi > DETA Ingoma Iranishe : Umunsi mukuru w’Ingoma z’Uburundi ugiye gutanguzwa (...)

DETA Ingoma Iranishe : Umunsi mukuru w’Ingoma z’Uburundi ugiye gutanguzwa burundu

mercredi 10 Kigarama 2014

Ishirahamwe "DETA Ingoma Iranishe" ririko ritegura umunsi mukuru wahariwe ingoma z’Uburundi. Intumbero w’uwo munsi mukuru n’uguhuza abavuza ingoma nk’ababitse ibanga ry’azo n’urwaruka ruzivuza kubera ruzikunda.

JPEG - 31.5 ko
Jeremie HATANGIMANA arongoye ishirahamwe DETA Ingoma Iranishe

Mu ntumbero nyamukuru yo gutanguza umunsi mukuru w’ingoma z’Uburundi uzohora uba ku mwaka ku mwaka ku bw’iteka cane cane ry’abatimbo n’Abarundi bose bakunda ingoma nk’akaranga kabo, ishirahamwe "DETA Ingoma Iranishe" rizogendera intara ya Gitega. Iyo ntara yatowe kuko ifatwa nk’amamuko y’Ingoma z’Uburundi.

Nk’uko bivugwa na Jeremie HATANGIMANA arongoye ishiramwe, uwo munsi mukuru ufise kandi intumbero yo guhuza urwaruka ruvuza ingoma kubera ruzikunda n’abatimbo bafise ibanga ry’ingoma bo mu ntara ya Gitega. Ibibanza vy’iratiro biri mu bigabiro vy’i Gishora na Higiro bizogenderwa maze abatimbo baho bakire abashitsi imbere y’uko havugwa vyinshi bijanye n’ingoma. Jeremie asanzwe nawe ari umutimbo wo muri Gitega yatumiye abaserukira imirwi itandukanye y’abatimbo bo mu gisagara ca Bujumbura kugira bazohure nabo babitse ibanga ry’ingoma baho mu Gishora na Higiro. Iyo nararibonye mu gutimba ingoma ivuga ko bazohanahana ivyiyumviro vy’uko ingoma zofatwa, uko zovuzwa, n’igihe zovuzwa. Jeremie avuga kandi ko ishirahamwe rifise imigambi harimwo kugarukira ibiti vy’imivugangoma n’umurama bibazwamwo ingoma kuko ivyo biti biriko birahona. Narirya uwo mukuru ushitse mu gihe ingoma ziherutse kwandikwa ku rutonde mpuzamakungu rw’iragi kama, "DETA Ingoma Iranishe" bashaka ko Abarundi biyumvawo Ingoma nk’akaranga ntasubirizwa kiwe.

Mwomenya ko umunsi mukuru w’ingoma z’uburundi uriko utegurwa n’ishirahamwe ndangakaranga "DETA Ingoma Iranishe" uzobera mu ntara ya Gitega kw’igenekerezo rya 13 Kigarama kandi uzohora uba uko umwaka utashe. Ico gikorwa gifashwe mu mugongo n’ingoma y’Ububirigi (Wallonie Bruxelles International) n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama.

JPEG - 376.5 ko
Abatimbo bo mu Gishora

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.