Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu umwe kw’icumi niwe agendana ubumuga kw’isi yose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umuntu umwe kw’icumi niwe agendana ubumuga kw’isi yose

Umuntu umwe kw’icumi niwe agendana ubumuga kw’isi yose

mardi 2 Kigarama 2014

Umuntu umwe kw’icumi niwe agendana ubumuga kw’isi nk’uko biri mu biharuro bitangwa n’sihirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS. Ariko mu Burundi ibintu vyagiye vyunyuka bivanye n’ibihe igihugu caciyemwo nk’uko biri mw’ itangazo ryatanzwe n’ubushikiranganji bwo gushigikirana.

Uko umwaka utashe, kuwa 3 Kigarama, Uburundi burifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga. Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bwo gushigikirana, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, imenyesha ko yashoboye kugurura ibigo bitari bike bikurikiranira hafi abagendana ubumuga, aha twouga ikigo CNAR c’i Gitega hamwe n’ikigo co mwijabe cigisha imyuga abagendana ubumuga.

Nk’uko umushikiranganji Clotilde Niragira arongoye ubushikiranganji bwo gushigikirana abandanya abishikiriza, Reta iheruka gutera igikumu ku masezerano mpuzamakungu agenga agateka k’abagendana ubumuga, kuwa 26 Ntwarante uno mwaka, icihutirwa akaba ari gutunganya amategeko y’igihugu kugira bashobore gushira mu ngiro ayo masezerano. Ubwo bushikiranganji butera akamo abarundi n’amakungu kugwiza inguvu mu gutesha ingeso yo gusega na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Tubamenyeshe ko uwo munsi mukuru uzohimbarizwa mu ntara ya Gitega kuwa 10 Kigarama uno mwaka. Mu Burundi ukazohimbazwa ku civugo’’ Ukwemeza amasezerano mpuzamakungu y’abagendana ubumuga, urufunguruzo rw’iterambere ridakumira .’’Mu gihe ku rwego mpuzamakungu uzohimbazwa ku civugo ‘’Ubuhinga bwa none mu gufasha mu mibereho ya minsi yose abagendana ubumuga.’’


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.