Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiringo c’ukwandika abazokwitaba amatora congerejwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ikiringo c’ukwandika abazokwitaba amatora congerejwe

Ikiringo c’ukwandika abazokwitaba amatora congerejwe

vendredi 5 Kigarama 2014

Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora mu Burundi wongereje ikiringo c’ukwiyandikisha, iminsi itanu ikaba ariyo yahawe abandika abazotora kugira babandanye kwakira abashaka kwiyandikisha.

Mu nama yahuje abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko n’umurwi ujejwe amatora CENI, Petero Karaveri Ndayicariye akaba yavuze ko iminsi itanu yongerejwe kugira abanyagihugu bose bashobore kwiyandikisha. Muri iyo nama, abaserukiye imigambwe batandukanye bakaba bagirije umurwi CENI kwirabira hirya kandi ibintu bicika mw’itangwa rya karangamuntu. Abo baserukira imigambwe bakaba basaba ko ukwandika vyohagarara hakabanza hakaba ibiganiro. Muri CENI siko babibona, Petero Karaveri Ndayicariye akamenyesha ko ico gikorwa gihagaritswe hoba hononekaye uburyo bumaze gukoreshwa.

Muri ivyo bikorwa kandi vyitabwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo, uwuserukira igihugu c’Ububirigi akaba yamenyesheje ko mu rugendo yagize mu ntara ya Ruyigi, yasanze abantu batariko bariyandikisha, ariko akaba yumvise ko abarundi biyandikisha kenshi mu mpera z’ibikorwa.

Tukabamenyesha ko abantu bagera ku miriyoni zibiri n’igice bamaze kwiyandikisha, ku barenga imiriyoni zine bitezwe, nk’uko vyemezwa na Petero Karaveri Ndayicariye, arongoye umurwi CENI utegura amatora ku rwego rw’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.