Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi w’urwaruka rw’aba FNL bamenyesha ko basubiye inyuma ya Rwasa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umurwi w’urwaruka rw’aba FNL bamenyesha ko basubiye inyuma ya Rwasa (...)

Umurwi w’urwaruka rw’aba FNL bamenyesha ko basubiye inyuma ya Rwasa Agathon

vendredi 30 Myandagaro 2013

Umurwi w’urwaruka uhurikiye mu mugambwe FNL urongowe na Manweli Miburo bavuga ko basubiye muri FNL irongowe na Rwasa Agathon. Abo bose bava muri komine ya Kanyosha iri mu gisagara ca Bujumbura.

Urwo rwaruka ruhurikiye muri FNL, ruvuga ko ikoraniro ryashizeho Miburo Manweli ritakurikije amategeko kuko yaba Miburo yari yaratanze imihoho muri uyo mugambwe, Bigirimana Yakobo nawe ngo yari yarirukanywe mu mugambwe. Twobibutsa ko ikoraniro ryakuye Rwasa Agathon ku burongozi bw’umugambwe FNL , ryashizeho Miburo Manweli kuba umukuru w’umugambwe nayo Yakobo Bigorimana aba umunyamabanga mukuru w’umugambwe, ndetse akaba aribo bemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Abo baraye basezeye FNL yo kwa Miburo, bakaba barahaye urwandiko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umukuru wa sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro, Agathon Rwasa, Miburo Manweli, na Yakobo Bigirimana.

Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radio Isanganiro, avuga ko igihe barondera Miburo Manweli yabamenyesheje ko yari mu nama ko bomurondera mu nyuma. Twobibutsa kandi ko hari haheze indwi zibiri gusa, aba FNL bagera kuri 30 bari mu nama mpanuzwajambo z’amakomine ndetse bakaba bari no mu biro vya politike vy’uyo mugambwe nabo nyene bamenyesheje ko bavavanuye na Miburo, bakaja kwa Rwasa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.