Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusaraba niwo watumye baheba uburyo bwose bw’ukwikingira gusama (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umusaraba niwo watumye baheba uburyo bwose bw’ukwikingira gusama (...)

Umusaraba niwo watumye baheba uburyo bwose bw’ukwikingira gusama imbanyi

jeudi 31 Gitugutu 2013

Mu gihe abanyagihugu bo muri komine ya Nyabitsinda mu ntara ya Ruyigi bari batanguye kwijukira gukoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro, bavuga ko iza ry’umusaraba wari uvuye muri diyoseze ya Rutana, ryatumye baheba ubwo buryo bwo kwikingira gusama imbanyi utipfuje, kuko ubashitseko waca uhagarara, bagaca bafatwa nk’abarozi canke abapfumu.

Kaburo Rejina n’umwe mu bapfasoni bo muri komine ya Nyabitsinda, nawe nyene yari asanzwe akoresha akanyuzi mu kwikingira gusama imbanyi. Uyo mupfasoni rero avuga ko umusaraba wari uje uva muri diyoseze ya Rutana, watumye abagore benshi baca baja kwa muganga gukuzayo yaba akanyuzi canke bagaheba uburyo bwose bwo kwikingira imvyaro kuko uyo musaraba ubashitseko waca uhagarara. Ariko rero nk’uko Kaburo abandanya abivuga uyo musaraba wahagarara ku barozi gusa canke kubaja mu bapfumu, bagaca bazana ibintazi bakoresha, bakaja ku bititimura. Hari bamwe rero umusaraba wahagararako bagaca bitwaza ko ari kubera bakoresha uburyo bumwe bwo kwikingira imvyaro, kandi ari ukubesha. Yemeza ko mu nyuma basanze ari ibihuha, ubu basubiriye gukoresha ubwo buryo. Ariko ku barozi n’abapfumu, Kaburo aremeza neza ko yiboneye n’amaso yiwe umusaraba uhagaze kuri umwe mu barozi bari bawukozeko.

Umukuru wa Zone ya Nyabitsinda ntaharira ko ivyo vyashitse, aho abantu baterwa umutima uhagaze n’umusaraba, Sengiyumva Felix avuga ko ubu bariko barasigurira abanyagihugu akamaro mo kuvyara bake, bashoboye kurera na rirya isi yo yaze, kandi ku kivi umuntu afise atakandi nagato yongerako atari iyo aguze ahandi. Uyo mutegetsi akaba amenyesha ko ubu bariko bararwanya bimwe bihagije abaharika co kimwe n’abana b’abigeme bavyara amashushu bakiri bato, ibihano ruhasha vyarategekanijwe, ku bagabo banahurashuza babahendesheje amafaranga canke utundi tuntu dusosa.

Eka no mu gisata c’amagara y’abantu bavuga ko ubu bariko bakora ukwo bashoboye kugira bahe inyigisho ingo n’imiryango, bashobore kuvyara abo bashoboye kurera. Muganga Onesphore Nzigiribarya avuga ko mu karere k’ubuvuzi ka Kibuye arongoye mu ntara ya Gitega, abanyagihugu baronswa impanuro z’ukwo bokwikingira kugira bagire amagara meza. Muri iyi minsi rero, bakaba bakoranije abashingamateka, abakenguzamateka, abarongoye abandi mu mashengero, abasitanteri b’amakomine eka n’abandi bose bo muri ako karere kugira bafashanye kwigisha abanyagihugu, mu guhagarika umurindi w’irwirirana ry’abantu Uburundi bugezeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • barundi,nimwirinde, kuko.yesu,yavuzeko. hazoza,abamezenkuko mbega,kuvyarabeshi,hanyuma.ukabicabakuze,wabuze ico,ubagaburira,nicocakujanamwijuru

  • Temoignage ni nziza kandi Uhoraho afis’ububasha igitangaza. Yezu Kristu yadupfiriye ku musaraba kuber’ibicumuro vyacu. Bisigura ko Umusaraba atari ikintu co gukinisha et, surtout ibintu vyose bihezagiwe n’abakozi b’Uhoraho.
    Umuntu wese yemera Uhoraho kw’izina rya Yezu Kristu, aragirirwa ibitangaro abari aho bakumirwa. Il fallait que le Tout-Puissant Jehovah Dieu se manifeste dans cette region de Mosso.

  • kuvyara abana bazokwicwa ninzara naho nyene Imana izobitubaza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.