Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Edouard Nduwimana : "Ugutsinda kw’umurwi wa UPRONA ndavyumva (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Edouard Nduwimana : "Ugutsinda kw’umurwi wa UPRONA ndavyumva (...)

Edouard Nduwimana : "Ugutsinda kw’umurwi wa UPRONA ndavyumva bivugwa"

lundi 1er Kigarama 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu gihugu Edouard Nduwimana avuga ko ivy’urubanza ruherutse gucibwa hagati ya Reta n’umugambwe UPRONA muri sentare ya Arusha nawe avyumva uko bivugwa.

Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu kiganiro yahaye abanyamakuru, avuga ko arindiriye igopi y’urubanza rwacitse. Ivyo uwo mushikiranganji akaba yabishikirije inyuma y’aho sentare y’Afrika y’Ubuseruko imenyeshereje ko komite nkuru y’umugambe w’Abadasigana UPRONA yo mu mwaka w’2009 ariyo yonyene ifise umugambwe, iyo nayo igashiraho inzego za UPRONA. Iyo sentare nyene ikaba ivuga ko Abadasigana bagize komite nkuru y’uwo mugambwe yaburagijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yikoze ku giporisi.

Mu mugambwe UPRONA ishami riyoboka umushingamateka Nditije Karori, bakaba bamenyesha ko umugambwe UPRONA wasambuwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, aho bamwagiriza ko umugambwe wabo yawuhaye Conciliya Nibigira nabo bari kumwe kandi mu mugambwe UPRONA amategeko avuga ko, uwubarongora abwirizwa kuba yabanje kwitorerwa n’Abadasigana bakoranye muri komite nkuru y’umugambwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • UPRONA oyyyeeeeeeeeeeeeeeeee....turahari nabayovy bos nukubagarura kumugumya.

  • UPRONA IGEZE AHO YITWA <UMURWI>?NDUWIMANA WITWAJE IKI?

  • UPRONA ramba ramba ndanezererwe kubona UPRONA itsinzi uwo mwangushi mumureke nagende arabe ivyo mu kayanza narinzi kontazoja mumatora arik ama courage numva ariyose aho rero kaze ku mugumya bane b’IMANA mukoresh amasengesho mwe ntaco muzoba AMEN Ubaha UPRONA

  • Hariho abantu mumpa gusemerera mutazi ivyomuvuga, none iyosentare ya EAC nambayavuzeko inzego za UPRONA zarizihari muri 2009 arizozobandanya kuyobora UPRONA mwizonzego hakaba Konsiriya yarimubambere baribazigize kwumba Nyakwubahwa umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugucacu cuburundi ivyoyakoze atarivyo bikomeje gushigikirwa na EAC?

  • uwibazako hazosubira kuboneka president w’umuporona yiyumvira umuzimu.kiretse abanyagihugu ataribo batoye

  • nyakubahwa umukuru w’igihugu twebwe abarundi bagukunda turaguhanuye kO UMUSHIKIRANGANJI WO HAGATI MUGIHUGU ARI EDOUARD NDUWIMANA KO WOTUFASHA .UKAMUBOGOZA KUKO IVYO AKORA VYOSE NI IBITEZA URUBWA LETA MURONGOYE ,KANDI ABIGIRA NIMPAKA KUGIRA ABASHWANISHE NABO MUTWARA.RABA NEZA ....................

  • EDOUARD NDUWIMANA AFISE IHANGIRO RYO GUTEVYA CNDD FDD UBUTAKIGARUKA??????????????????MUGUSHIKIRA ABANYAMAKOSA BOSE KUGIRA ABANYGIHUGU BASHAVURE HAMA BAKURE AGATIMA KURI CNDD FDD UBUTAKIYIGARUKAMWO.NI NKIVYISI YINYEGEJE MUNTAMA ............TURASABA ABASHIKIRA PRESIDENT KO BOMUSABA AKAMUBOGOZA ..VYIHUTA .....

  • Umvandababwire mwebwe Matana na REKA, uyu Eduardo Nduwimana umugumwabanga wewe iyavakage igizomukubwira kwarumugumyabanga nugukunda vyimazeyo uyu Eduardo ushaka kubincu yabagumwabanga gabanya ivyokirogota uvuga ayamuhe kwizinaryiwe. Ndabasabarero mukomeze mwirire amahoro yirirwa arabarondera ukubwije ukobukeye mazenawe mumuhamahoro , izomvugozanyu zitwango Bahebiyake!

  • Bwana Nduwimana niba arivyo akaba ariwewe wahonyanze irage rya rwagasore ngo wereke abahutu ko ubakunze ugapfukama munda utesha umutwe bene umugambwe wabadasigana Uprona, bene wanyu babatutsi ngo utabura umukate uhabwa naba DD, Ndakwipfuriza kwihana, ugasaba imbabazi Imana, hamwe naabowahemukiye Uprona bitabaye ivyo ndaguhaye imbuzi hakiri kare ngo ubimenye ko wahemutse ube urashaka aho uzohungira kuko , ugiye kubibona n’ingauka zavyo nahubundi sha Nduwi uragowe abantu nibatabikubaza Imana izobikubaza kandi atari kera ukiri mwisi vuba cane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.