Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umutahe wo kurengutsa umukuru wa MSD mu gisagara ca Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umutahe wo kurengutsa umukuru wa MSD mu gisagara ca Bujumbura

Umutahe wo kurengutsa umukuru wa MSD mu gisagara ca Bujumbura

dimanche 21 Ruheshi 2015

Umukuru w’umugambwe MSD mu gisagara ca Bujumbura yatumweko mu butungane, aho abwirijwe ku bwitaba kuri uyu wa 23 Ruheshi.

Peggy Karwire umukuru w’uyo mugambwe mu gisagara ca Bujumbura, akaba yatumweko ku mvo z’amatohoza. Umukuru w’umugambwe MSD akaba yari amaze igihe atarara mu muhana iwe, ndetse hakaba n’amakuru avuga ko uwo mukenyezi wo mu muhari w’inzirabugunge za MSD, yoba yaramaze kuyanyaga, akaba yoba ari hanze y’igihugu. Uwo mukenyezi arongoye MSD bikavugwa ko yoba yari amaze igihe aronderwa n’igiporisi, kuko yoba yagirizwa gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Uwo mutahe wo kumurengutsa Peggy Karwire, ukaba ushitse mu gihe uwurongoye ukwiyamamaza mu mugambwe MSD Jean Marie ‪Harahagazwe‬ yarekuwe , inyuma y’aho afatiwe kuri uyu wa 15 Ruheshi, akajanwa mu biro bikuru vy’igendereza, afatiwe muri komine ya Kanyosha, aho nawe yoba yagirizwa gutunganya imyiyerekano.

Ariko uwurongoye uwo mugambwe mu ntara ya Gitega Epithace Nshimirimana we, n’ubu akaba akiri mw’ibohero rya Rumonge, inyuma y’aho afatiwe na bamwe mu bakorera urwego rw’igendereza, ndetse akemeza ko yasinzikarijwe ubuzima, aho n’aho apfungiwe abo mu muryango iwe, bemeza ko amagara yiwe yifashe nabi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.