Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyagihugu atagira akaranga ameze nk’igiti kitagira imizi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Umunyagihugu atagira akaranga ameze nk’igiti kitagira imizi

Umunyagihugu atagira akaranga ameze nk’igiti kitagira imizi

lundi 26 Myandagaro 2013

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, umupfasoni Denise Nkurunziza, yasavye abavyeyi gutegura kazoza k’abana babo, mu kubaha indero runtu, izobafasha gukura bafise agatima runtu.

Ivyo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba yabivuze mu ruganda n’abantu batandukanye harimwo urwaruka, ku munsi ugira kane ari nawo wanyuma, w’igisabisho c’ugushimira Imana cari categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu mu ntara ya Bururi, mu gisagara ca Rumonge kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Myandagaro uyu mwaka. Denise Nkurunziza, akaba asaba abavyeyi guha indero abana babo, mu ntumbero yo kubafasha gutahura ikibi n’iciza.

« Kugira dufashe abana bacu gukunda igihugu, twebwe abavyeyi dutegerezwa kwicara hamwe turi kumwe n’abana bacu, tukavugana ku buzima bwa none, tukavuga ivyiza tubona n’ibibi bidasigaye inyuma.» Vyavuzwe na Denise Nkurunziza umutambukanyi w’umukuru w’igihugu muri urwo ruganda. Abandanya avuga ko umugabo atanga ico afise. Yisunze ijambo ry’Imana rero, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu avuga ko Bibiriya ivuga ku bikorwa vy’umugabo, umugore n’abana mu muryango. Muri ico gihe :" Abana bacu bazomenya ko tubakeneye kandi ko turi aha kuri kazoza keza kabo" nk’uko umukozi w’Imana Denise Nkurunziza abandanya abivuga.

Arangiza avuga ko, nk’uko ibihugu vyose bifise agaciro kavyo co kimwe n’imico yavyo, abana b’abarundi bategerezwa gukurana akaranga n’imico y’abarundi, kuko nakare ngo umunyagihugu atagira akaranga, ari nk’igiti kitagira imizi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.