IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Inkebuzo > "Umviriza indirimbo zacu hama ukeburwe"

"Umviriza indirimbo zacu hama ukeburwe"

mardi 9 Ndamukiza 2013

Umurwi w’abaririmvyi witwa inkebuzo mu ntumbero yo kumenya ibijanye n’indirimbo zabo kuko zivugwako cane n’abazumva kubera impanuro zitandukanye z’uburyo bwose ziba zirimwo.

JPEG - 65.2 ko

Uwo murwi ukaba ugizwe n’abantu icenda harimwo abahungu indwi n’abakobwa babiri abenshi muri bo akaba ari abanyeshure bava mu ntara ya gitega mbere akaba ari naho bakorera ibikorwa vyabo.

Twarabegereye tuganira kubijanye n’indirimbo zabo bavuga ko biyemeje kuririmba impanuro z’uburyo butandukanye ari naho bakuye izina ryo kwitwa Inkebuzo kuko bakebura benshi mu ndirimbo zabo.

JPEG - 61.5 ko

Iyo wumvise nk’indirimbo yitwa Bifise manda, aho bavuga ko bidakwiye guhunga igihugu watayemwo uruzogi aho kukirwanira mu ngorane kiba kirimwo, wokwumva kandi indirimbo bita Ubutungane aho bavugamwo ko hariho abakora amakosha ntibahanwe yamara inzirakarengane zigatabwa mu mvuto ,wumvise indirimbo zabo zose uca wumva iri zina barikwiye nkuko twabibariwe nabo.

Inkebuzo bafise icivugo cabo citwa ngo umviriza indirimbo zacu hama ukeburwe ukebuke twubake u Burundi busagambe iwacu no mu makungu.

Barangiza batera iteka umuntu wese wumviriza indirimbo zabo akumva ko yobaterera muri ico gikorwa biyemeje kuko bateganya vyinshi bakabura uburyo kuko benshi mu bagize uyu murwi ari abanyeshuri.


Joel Sengurebe

Messages

  • Ni mukomere cane, burya uburyo bwo kwigisha si mwishure gusa, ahubwo n’umuziki uri muburyo bwiza bwo gutanga inyigisho mubantu. Nimukomere kw’ibanga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.