IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Komedi > Michou > Habuze iki kugira umwuga wo gutwenza (Comedie) wigishwe nko mu bindi (...)

Habuze iki kugira umwuga wo gutwenza (Comedie) wigishwe nko mu bindi bihugu

jeudi 27 Ntwarante 2014

Umwuga wo gutwenza abenshi bakora nk’impano y’Imana, ariko hakaba hariho rero amasomero bigamwo inyifato zimwe uwutwenza ashobora kwerekana imbere y’abantu bitavye ibiteramo. Mu makungu, uwo mwuga urirwa. Michou amaze amezi n’amezi yiga ibijanye no gutweza (Comédie).

Gutwenza (Comédie) bifatwa ahanini nk’impano Imana iha umuntu, kandi impano isa n’iyifise bake turavye abakora uwo mwuga haba mu Burundi canke mu bindi bihugu usanga ari bake. Iruhande yo kuba impano, uwo mwuga barawigisha mu bindi bihugu.
Akarorero tugahabwa n’umurundi ari mu gihugu ca Canada yari asanzwe akora uwo mwuga akiri mu Burundi, kandi n’ubu yabandanije abikora iyo ari mu makungu. Azwi cane kw’izina rya Michou ariko yitwa Willy Kabayabaya. Uwo arazwi cane mu Burundi nk’uwutwenza, akaba yabitanguye mu mwaka w’1987. Imbere yiwe haravugwa abandi nka Jean-Pierre Nyamoya na Kibamba wa Kibamba.

Kuva rero aho agiriye kuba mu gihugu ca Canada yabanije akora uwo mwuga, aha twovuga nk’igiteramo"Juste pour Rire" aheruka kugirisha ku magenekerezo ya 20 Ruhuhuma i Ottawa. Michou yasanze mu makungu bigisha uwo mwuga haba mu mashuri matomato n’ayisumbuye, kurya hari n’ibisata vy’amategeko canke vy’ubutunzi muri za kaminuza.

Michou iyo ari muri Canada, ambwira ikinyamakuru IGIHE ko yaciye yigira inama yo kuja mw’ishuri ryo kwiga uwo mwuga. Akamaro abona muvyo ariko ariga ni kanini, Michou ati: "Twiga ibintu vyinshi ngira kamaro usanga umuntu atari azi kuko iwacu ataho twavyiga. Bimwe mu vyigwa biradufasha kumenya vyinshi mu mwuga".

Muri ayo mashuri bita "Stand Up Comedy", bariga ivyirwa bifasha umutwenza kumenya uko afata kirya bavugiramwo "Micro", uko yokwifata imbere y’abantu, n’uko yokwerekana n’amaboko ivyo ariko aravuga bita "Open Mic", eka baraniga n’ibikoresho nkenerwa mu cirwa citwa "Materials and Jokes".

Willy Kabayabaya "Michou" amenyesha ko ahejeje ivyo vyigwa azogira ico afashije abatwenza bari mu Burundi, kuko asanzwe aguma avugana n’uwo batazira Kigingi ariko aramenyekana cane muri uwo mwuga mu Burundi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Les medias z’I Burundi mwasamajwe na politique ndabasavye muhagurukire ikibazo c’ama bus yunguruza abantu mu gisagara ca bujumbura,birateye isoni kubona bus igenda mwijoro itagira amatara !aho nsivuze izitagira intebe.

  • ura koze nokutwenza abantu kuko natwe turate mama ukeneye kwandika unyishur?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.