Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UNICEF yaratanguje umugambi wo kurwanya ihohoterwa rikorerwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > UNICEF yaratanguje umugambi wo kurwanya ihohoterwa rikorerwa (...)

UNICEF yaratanguje umugambi wo kurwanya ihohoterwa rikorerwa abana

jeudi 1er Myandagaro 2013

Ihohoterwa rikorerwa abana kenshi ntirivurwa, ntiribonwa canke riterwe ivyatsi ku mugaragaro. Ivyo ni ivyashikirijwe ejo na Liam Neeson, aserukira ishirahamwe UNICEF i New York, mu gihe yariko amenyesha umugambi mushasha uhamagarira abanyagihugu basanzwe, abafata ingingo hamwe n’abategetsi muri rusangi ko bahaguruka bakiyamiriza ihohoterwa rikorerwa abana.

Anthony Lake, umuyobozi mukuru wa UNICEF yamenyesheje ko agateka k’abana gahungabana mu bihugu bitari bike no mu mico yose, asaba ko umwanya wose umwana ahohotewe aho ari hose, ko abantu bohaguruka bakavyiyamiriza bivuye inyuma kandi bagashira hamwe inguvu.
Ubwo bukaba aribwo butumwa ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF rishaka gutanga mu gutanguza umugambi bitiriye « Gusezerera amabi akorerwa abana. »

UNICEF itanze ubwo butumwa mu gihe mu ntara zimwe zimwe zo mu Burundi haboneka abavyeyi bahohotera abana babo. Akarorero kakaba ari ako mu Rumonge, aho abigeme babiri bakiri bato bakubiswe bongera baraturirwa na se wabo ari kumwe na mukase w’abo bana abahora ko basovye ku buriri bararako.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.