Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akanyamuneza niko karanga Abadasigana ku Mugumya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Akanyamuneza niko karanga Abadasigana ku Mugumya

Akanyamuneza niko karanga Abadasigana ku Mugumya

jeudi 19 Nyakanga 2013

Mu birori vy’uguhimbaza imyaka 52 umugambwe w’Abadasigana umaze utahukanye intinzi aho hari kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga mu mwaka w’1961, umukuru w’uyo mugambwe ahamagarira abayoboke bawo ko bokwisuzuma bakaraba ko aho bagejeje iragi basigiwe n’umuganwa Rudoviko Rwagasore, yashikanye Uprona ku ntinzi, no gushikana Uburundi ku ntahe y’Ukwikukira.

Muri ivyo birori bikaba vyitabwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, abashikiranganji bose bava muri Uprona, bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka. Ivyo birori kandi vyatanguriye ku ntatemwa y’umuganwa Rwagasore aho bashize ingori z’amashurwe, mu nyuma bica bibandaniriza ku Mugumya, ahasanzwe hakorera uyo mugambwe.

Mw’ijambo ry’umukuru w’umugambwe Uprona umushingamateka Nditije Karori, yasavye abadasigana kubandanya bubaha abo batavuga rumwe ukwo bama, ntibashirire isoni abandi, ndetse aca asaba urwaruka rwa JRR kubandanya berekana akarorero keza, kugira babandanye bashigikira iragi barazwe na Rwagasore. Nditije akaba yanashimiye umuganwa atari umugani n’abakoranye nawe, mu gushikana Uprona ku ntsinzi, ndetse iyo, ikaba yashikanye Uburundi ku ntahe y’ukwikukira, n’aho Rwagasore yageragejwe kuburagizwa n’abariko bacura abarundi bufuni na buhoro.

Aha akaba atibagiye kuvuga ivyashikiye Rwagasore aho abazungu bafashe ingingo z’ukwugara amakoperative yose yiwe, umuryango wose w’umwami urabuzwa kugira ikibanza hejuru mu gisata na kimwe,na cane cane mu bibanza vya politike, guha imfashanyo iyindi migambwe kiretse umugambwe Uprona, kwama bamucafuza ndetse bakamufungira mw’ibohero ry’i Bururi icamaso, ariko ivyo vyose bikaba bitigeze bimuca intege, kuko yaruhiye gushikana umugambwe ku ntsinzi.

Umukuru wa Uprona rero akaba yahamagariye abadasigana bose gukora, bakarondera banywanyi kugira umugambwe wabo uze utahukane amatora yo mu mwaka w’2015. Karori Nditije akaba atibagiye kandi kumenyesha ko abitanze bose kugira umugambwe ugumane iteka n’ijambo bazoshimirwa mu minsi.

Ibirori bikaba vyarangiye, abashikiranganji, abashingamateka, abakenguzamateka n’abandi bose bakomoka muri uyo mugambwe batavye, baratarika, aho imvyino zitandukanye ziranga uyo mugambwe n’izindi zasamirana.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.