Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uprona : Abatware bakwiye kuza baravuga amabi akorwa n’Imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Uprona : Abatware bakwiye kuza baravuga amabi akorwa n’Imbonerakure

Uprona : Abatware bakwiye kuza baravuga amabi akorwa n’Imbonerakure

vendredi 17 Rusama 2013

Umukuru w’umugambwe w’Abadasigana Uprona, umushingamateka Karori Nditije yarahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru ejo ku munsi wa kane igenekerezo rya 16 Rusama 2013, ku bijanye n’ibimaze iminsi bivurwa mu gihugu.

Karori Nditije yatanguye kuvuga kubijanye n’ijambo ryashikirijwe na Fideli Nsabumukiza, umunywanyi w’umugabwe CNDD-FDD, aho yamenyesheje kw’iradiyo y’abanyagihugu RPA ko amasezerano y’Arusha akumira urwaruka.

Ku bwa Nditije rero, asaba ko Nsengumukiza asanzwe ari Imbonerakure, ko yoshikirizwa ubutungane maze akavuga abantu boba bari inyuma y’amajambo yashikirije kuri RPA, ndetse amajambo yari ateye ubwoba.

Yabandanije amenyesha ko imbonerakure zikora ibitandukanye n’amategeko canke zihohotera abanyagihugu, ko abatware bo hasi boza baravuga amabi akorwa n’urwo rwaruka atagutinya igitsure c’umuntu n’umwe, mu ntumbero yo gukingira igihugu.

Umukuru w’umugambwe w’umuganwa Ludoviko Rwagasore, yashoboye n’ukwishura ku bindi bibazo, nko kubijanye n’inama izohuza abanyepolitike mu ntara ya Kayanza, ntashimishwa n’ingene ibikorwa biriko birategurwa, kuko gushika n’ubu ata kirangaminsi c’ibikorwa baramenyeshwa ndetse n’ugushiraho umurwi uziga ishirwa mungiro ry’ urupapuro rw’inzira bumvikanye mu kwezi kwa Ntwarante 2013 i Bujumbura nturajaho.

Ku bijanye n’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati afatiye ku matongo n’ayandi matungo CNTB, Nditije amenyesha ko mu mugambwe iwabo batanka isubizwa ry’umuntu wese utwiwe, ariko biyamiriza ingene ico gikorwa kirangurwa.

Abandanya avuga ko kw’isi yose uretse mu Burundi ku ntwaro y’uwo murwi urongowe na musenyeri Serapiyo Bambonanire, ibintu vy’uwari we wese birazigamwa, ari naco gituma muri Uprona batangazwa n’ukubona umuntu yaguze na Leta, afise ivyangombwa bikwiriye ko aho hantu ari iwe, asohorwa mu nzu nk’umumenja, canke nk’umusuma kandi ari inzu afitiye ivyankenerwa.

Mu mugambwe Uprona baranegura kandi ingendo ya Serapiyo Bambonanire, aho asaba abahungutse bari barumvikanye n’abasangwa gutorera inyishu ikibazo c’amatati y’amatongo hagati yabo, umugambi bavuga ko ukwumvikanisha arivyo vyaranga uwari arongoye uyo murwi ubwa mbere ariwe Patiri Kana Asteri, uwurongoye umurwi muri iki gihe nawwe akaba aterekwa uwo mugambi wo kwumvikanisha, ngo asaba ko abahungutse bokwirukana abasangwa ndetse ivyo bari barumvikanye vyo gusangira bigahagarara, canke bakitura uyo murwi CNTB.

Ku bijanye n’umutekano naho, muri rusangi umutekano wifashe neza mu gihugu nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’mugambwe w’Abadasigana Uprona, ariko birakunda kuvurwa aha na hariya ko abantu bagandagurwa, abandi bakibwa eka ndetse ko hari n’abahohoterwa mu gukomeretswa n’abantu badashobora kumenyekana, ndetse rimwe na rimwe ugasanga vyagirijwe urwaruka ruri mu mugambwe CNDD-FDD aribo bita Imbonerakure.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.