Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngayimpenda : Ibikorwa na Conciliya Nibigira abitumwa n’ubwoba bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ngayimpenda : Ibikorwa na Conciliya Nibigira abitumwa n’ubwoba bwa (...)

Ngayimpenda : Ibikorwa na Conciliya Nibigira abitumwa n’ubwoba bwa kazoza

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Barizeye ko umukuru w’inama nshingamateka atazokorera ku majambo y’ibinyoma ashikirizwa n’umurwi urongowe na Concilie Nibigira nk’uko bivugwa n’umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba UPRONA.

Mu kiganiro catanzwe ku banditsi n’abanyamakuru, yaba icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA ishami ryemewe na komite nkuru y’umugambwe Evariste Ngayimpenda, canke umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba UPRONA Gasutwa Bonaventure, bose bavuga ko bizeye ko Piyo Ntavyohanyuma umukuru w’inama nshingamateka atazokorera ku binyoma vyashikirijwe mw’ikete ryanditswe n’umurwi wa UPRONA wemewe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD, ko umushingamateka Karori Nditije yokwirukanwa mu nama nshingamateka.

Concilie Nibigira mu gusaba ivyo, abo bashingamateka ba UPRONA bakavuga ko yisunze ingingo y’173 ivuga ko umugambwe uri muri Reta, udashobora kuja mu yitavuga rumwe na Reta, co kimwe n’ingingo y’112 yo mw’itegeko rigenga amatora, ivuga ko ikiringo c’umushingamateka gishobora kurangira mu gihe wenyene yikuye mu mugambwe yatorewemwo. Ku bwa Gasutwa Bonaventure, umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba UPRONA, akavuga ko umukuru w’umugambwe wabo, atigeze atanga imihoho, ariko rero uwo mushingamateka akemeza ko batavuga rumwe na Reta ndetse bamaze n’ukwiyunga n’iyindi migambwe mu kwitegurira amatora, aho UPRONA uri mu runani RANAC Dushayure Uburundi.

Nayo Evariste Ngayimpenda icegera c’umukuru wa UPRONA, akemeza ko ivyavuzwe n’umushingamateka Nditije Karori, canke amategeko yagiye aterako umukono ku nyandiko z’umugambwe yabisabwe n’abadasigana ba komite nkuru y’umugambwe, ryo ryamutoye kugira arongore abandi. Akabona ko ivyasabwe n’umurwi wa UPRONA batavuga rumwe, ari ugutera igere rya nyuma, na cane cane ko uruhande rwa Nditije rwarahiye kuja hamwe mu kwitegurira amatora n’urwo ruhande rwa Concilie Nibigira. Bakabona ko bafise ubwoba bwa kazoza, inyuma y’amatora yo muri uyu mwaka.


Aristide Nizigire

Messages

  • IPORONA NA FRODEBU; INYUMA YAMATORA IYO NTIZOBA IKIVUGWA. NIMWITEMBANE NTIHAGIRE ABO MUTEMBANA.

  • UPRONA YAGOWE KARE AHO YANKA KUJA HAMWE N ABANSE AMATORA MURI 2010 !!!MURIRA MUREKA NTA VYANYU MWARI MUZI NGO DD NI IKI????KO MWABUZE AHO MUFATWA NGO MURONSE VYINSHI???KARORI NDITIJE YARI HE /??BA SINGURUZA ICOMPA BAGASHIKIRWA,,MWARADUSUTSE NIMUWOTE!!!!DD BAKURE BABURE AMAHERA YA CAMAPAGNE !!!!BAKOZE NABI KUVA KERA NI ABA OPPORTUNISTES ,MINANI NA RWASA MURAGABE MUFISE INZOKA AHO MURI RANAC

  • Evariste, Tatien, Ihotorihirwa, Ntahe, Mudugu, Gasutwa, Nkengurutse, n,abandi mbona ngaho ku mafoto. Quand je vous vois, je suis fier d etre Uproniste depuis 1976. Tenez bon. Nous y sommes presque. Deux rappels: Les DDs avaient obtenu 64% dans les communales de 2010 sur fond de fraude. Le sondage de Christophe leur donne 56% en septembre 2014 (avant Kiliba Ondes, Cibitoke, Kamenge/Buyengero, Muramvya/Bob, sortie de Mgr Ntamwana, etc.). 56% alors que toute la machine repressive DD (administration, police, imbonerakure, bikoti) controle chaque colline du Bdi profond, pendant que Rwasa et Nditije sont en residence surveillee. Imaginez-vous le jour ou le RANAC ira sur terrain! Ca me rappelle 1992. Je predis que les DDs perdront le pouvoir en 2015. A une condition: surveillez la CENI. C,est le seul obstacle pour chasser les DDs du pouvoir. Aussitot que ses listes sortent, activez le reseau de verification de tous les noms des electeurs. C,est facile. Identifiez sur chaque colline deux membres de l,opposition pour recenser les personnes en age de voter. Et faites-le vite, dans le cadre du RANAC. En moins d,une semaine, tous les intrus seront connus. Et exigez des comites mixtes de verification de la suite du processus.

  • ibihushane bitangaje: igihe.com (Rwanda), ntamusi uhera batarase ibikorwa vya Prezida Kagame na leta yiwe, bakanebagura opposition. Igihe.bi (Burundi) ntamusi ubarengana batanebaguye ibikorwa na leta y’uburundi, bagashimagiza opposition. None dufate ko arihe hari democratie?

  • None Mr/Mme/Mlle Je suis Uprona ko umenga irya enquete ya Christophe yerekanye ko yaba Uprona (toute tendance confondue) canke utwo tundi tugambwe ata numwe azorenza 3% ivyo uvuga vyo kwirukana DD au pouvoir ubona bizohava bigukundira? Canke ni indoto gusa na kare ngo umutindi arota ico yifuza? Kamara mpaka ni amatora, ntidusubire kurwa muri erreur ya 2010 aho imigambwe imwimwe yihaye amajwi n’amatora ataranaba hanyuma bagatangara.

  • HARIGIHE USANGA UMUNTU ATARI KAMERE YIWE YO KUVUGA NABI MUGABO UGASANGA VYAMUSHIKIYE AGASANGA YAVUZE NABI KANDI IVYO UWARIWE WESE BIRAMUSHIKIRA KUKO UMWANA WUMUNTU AGUMA ARUMWANA WUMUNTU EJOBUNDI MURI ADC IKIBIRI A.RWASA ARI MUBATANGUJE IRYO HURIRO RYIYO MIGAMBWE ARIKO INGENDO YA REONCE UWUTAMUZI GUSA UNOMUSI A.RWASA ATANGUJE RANAC YAKIYE ABAPORONA NTITUVYANSE KUKO BIRAKENEWE MURI DEMOCRASI ARIKO ICO TUZI UMUGAMBWE WAZANYE UKWIKUKIRA UGATWARA IGIHUGU IMYAKA NIYINDI ABARUNDI BATWARIGWA KUKURIMANGANYA GUSAAAA NAMARIRA GUSAAAA NUBWIBONE AGASUZUGURO UBWIRASI HAGEZE NAHO BIHEBA BIGASHISHA NABARI MURIWO ABO BAPORONA KWERI SHAA REKA TURINDIRE EWE RWASA URI HAGATI YAMENYO NKURURIMYI ABA DD NTAWUNDI ABAHAGARITSE AMARASO ATARI WEWE NA NZABAMPEMA NONE KWERI ABO BAPORONA NIBO BAZOGUSHIGIKIRA KUGEZA UKURE ABA DD BICIYE MUMATORA NIVYO BAGUKOREYE 2010 NZOBA NDORA AHO NYANSE MURI ADC IKIBIRI ARIBO BARI NKABADEMOCRATE ICIZA NUKO FNL YATEGUYE INDONGOZI ZIZOJA ZIKURAKURANWA IBIHE NIBINDI APANA BAMWE BATEREKWA NGAHO NUBUTEGETSI

  • Uwo mushingantahe Rwasa namye ndamuhanura nti reka kwishinga amabwire yibisuma komvyi vyo muri mporona, none kiramwagiye abamwivye muri 2010 nibo asubiye kwiyegereza, erega impongo isubiye kugwubuko iba igira ihwere!vyanse ko yihanga abo ba CNDD-FDD agikwiye ataracika ubunywenywe, none inguvu azozikura muri MPORONA gisuma yamwivye.Ndakwumvira impuhwe kweri, abo ba DD twabakurira inkofero kuva kera ubu tuzobashobora dufatanye na mpororooona, mamawe nakajoreza!

  • MBEGAKO NGAYIMPENDAKO ITEGEKO RIKMEYE RIGENGA UBURUNDI NGO RIBEHANZE NGONTIRIBE MUBRUNDI BIRAGAHERA NAWE AMATEGEKO AGENGA URUGO GWIWE NAYAHEBERE UWUNDIMUGABO TURABE UBWOBUGABOBWIWE AHOBWOBA BUHAGAZE NAREKE ABONAKO ATACIYUMVIRO CUBA YOTERERA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.