Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uprona: Ikibazo ca CNTB cavyaye imirwi muri uyo mugambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Uprona: Ikibazo ca CNTB cavyaye imirwi muri uyo mugambwe

Uprona: Ikibazo ca CNTB cavyaye imirwi muri uyo mugambwe

lundi 3 Ruheshi 2013

Kuva aho umuryango wa Justin Nyakabeto wirukaniwe mu nzu n’umurwi CNTB muri karatiye ya Ngagara iri mu gisagara ca Bujumbura, mu mugambwe wa Badasigana Uprona abari mu nzego zo hejuru ntibabona co kimwe ikibazo ca CNTB.

Kuva ku munsi wa gatatu gushika ku munsi wa gatanu, ku Mugumya ahasanzwe hari inyubakwa ikoreramwo umugambwe w’Abadasigana hari inama hagati y’abantu batandukanye haba abari mu nzego nkuru z’umugambwe, abari muri Leta, hamwe n’abashingamateka.

Amakuru ava ku Mugumya rero avuga ko ikibazo ca CNTB kitabonwa kumwe muri uyo mugambwe kuko nk’abari mu nzego z’igihugu badashaka ko ikibazo c’umurwi CNTB cogira uburemere kuko hari uwundi murwi wipfuza ko abari muri Leta botanga imihoho bose kugira umugambwe Uprona ushobore kuvuga cane kuri ico kibazo ca CNTB, uyo murwi wa kabiri ukagiriza abari muri Leta ko atakinini bariko baramarira abadasigana kuri ico kibazo. Uyo murwi wagiriza uwundi ko bishinga ibiturire n’inyungu zabo gusa, inyungu z’abadasigana bakazita hirya.

Abo bari munzego za Leta ngo batinya ko imiduga buca itangwa muri wa mugambi wa Leta wiswe CHARROI zero utobacika, abo rero akaba aribo boba batuma ibintu bitagenda neza nk’uko Uprona yavyipfuza, bivurwa ko abo bari mubuzi bwa Leta cane cane abari mu biro vy’icegera ca mbere c’’umukuru w’igihugu, aribo vyagaragaye mu nama yabaye kuri uyu wa gatanu ko ikibazo ca CNTB bakibona ariko ntibashake gutanga uko cokosorwa.

Muri iyo nama yo ku wa gatanu hari hitezwe ko n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yashobora kuyitaba, ariko akaba atahashitse. Muri ukwo kwutumvikana rero kwibonekeza mu mugambwe wa Rwagasore, kukaba arikwo kwatumye umuvugizi w’uyo mugambwe ari nawe asanzwe arongoye umurwi w’abashingamateka ba Uprona Bonavanture Gasutwa, asabwa ko atosubira kugira ico ashikirije ku maradiyo ku kibazo ca CNTB.

Abadasigana batandukanye ba Uprona bavuga ko ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru bw’igihugu babishatse, mu minsi ya vuba ikibazo ca CNTB cotorerwa umuti, umwe wese akaronka ivyiwe, ariko akarenganyo kibonekeza muri uyo murwi ngo koheza kagahera burundu. Aba bona ibintu n’ibindi bavuga ko ikibazo ca CNTB kizotuma abadasigana ba Uprona batabona neza umugambwe wabo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.