Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uprona iranegura ingingo zimwe zimwe z’ubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Uprona iranegura ingingo zimwe zimwe z’ubutegetsi

Uprona iranegura ingingo zimwe zimwe z’ubutegetsi

vendredi 7 Ruheshi 2013

Abashingamateka bo mu muganbwe w’Abadasigana Uprona bagize ico bashikirije ku ngingo zibiri ziherutswe gufatwa n’ubutegetsi, harimwo iterwako umukono kw’itegeko rishasha rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi n’ipfungwa ry’aya misore yo mu Ngagara.

Abarongoye umurwi w’abashingamateka bo mu mugambwe w’Abadasigana Uprona Gasutwa Bonaventure hamwe Methode Niyoyunguruza, bamenyesha ko kuri izo ngingo zibiri zafashwe n’ubutegetsi yo gupfunga rwa rwaruka rwafatwa rwagirizwa ko rwari kwa Nyakabeto mu Ngagara,ko barya bana borekurwa kuko bamwe bayowe gikubikubi mu gihe bariko bararorera uko igipolisi gisohora Nyakabeto mu nzu.

Ku bijanye n’itegeko rigenga umwuga w’ukumenyeshamakuru riherutswe guterwako umukono n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, abo bashingamateka bavuga ko batangajwe rwose n’ukumva iryo tegeko ryarateweko umukono kandi abayobozi bakuru bakuru batandukanye bakora mu biro vy’umukuru w’’igihugu bari bamenyesheje ko imbere y’uko rirya tegeko riterwako umukono, ryari kubanza rigahinyanyurwa, ubunenge bwose bwari bwabonetse muri ryo bugaheza bugatosorwa, bavuga ko batangaye rwose babonye ivyari vyasezeranywe bitaroye mu ngiro.

Abo bashingamateka b’umugambwe w’Abadasigana Uprona rero bamenyesha ko n’aho iryo tegeko ryatowe rinyuranye n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, ko bazoguma barivuga kuko iryo tegeko ari irije gusubiza inyuma igihugu c’Uburundi imyaka n’imyaka, ndetse muri ya myaka y’agacinyizo.

Ku bijanye n’urwo rwandiko rwateweko umukono n’abaserukira umurwi w’abashingamateka ba Uprona, abadasigana bari mu murwi wiyemeje gusubiza umutamana Uprona, bavuga ko batangara mu gihe ivyo babivuga kandi bizwi ko hari abadasigana bakomeye muri Leta kandi ataco barigera bashikiriza n’umunsi n’umwe kuri ivyo bivurwa haba ibijanye n’umurwi CNTB, canke ibijanye n’itegeko rizogenga umwuga wo kumenyesha amakuru. Aha bagatanga akarorero ku cegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza.


Aritide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.