Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA wagirijwe gushigikira ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > UPRONA wagirijwe gushigikira ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu (...)

UPRONA wagirijwe gushigikira ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu Nkurunziza

mardi 31 Kigarama 2013

Abadasigana biyemeje kwambika umutamana umugambwe Uprona, bamenyesha ko amajambo ashikirizwa n’umushingamateka Nditije Karori ku bibazo bimwe bimwe bijanye n’ubuzima bw’igihugu bigaragara ko ashaka gushigikira umugambwe CNDD FDD mu bikorwa vyawo vyo guhindura ibwirizwa nshingiro hamwe n’ukwitoza kwa Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu ku kiringo kigira gatatu.

Tasiyano Sibomana asanzwe avugira urwo runani rw’abadasigana bishinze gusubiza umutamana uyo mugambwe, yamenyesheje ku nsamirizi ijwi ry’abanyagihugu ko hari abadasigana bari mu nzego, boba bavugira ku mugaragaro ko ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bazogishigikira. Umushingantahe Sibomana akaba amenyesha ko umukuru w’umugambwe Uprona umushingamateka Karori Nditije agerageza kuvyerekana ko ashigikiye ico kiringo, mu gihe mu biganiro ku nsamirizi yoba yarashikirije ko hamwe ibijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cotera amadidane, ababijejwe boheza bakitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Tasiyano Sibomana akaba atangazwa n’ingene abo badasigana boba bashigikira ico kiringo, mu gihe hari na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD bizwi ko ico kiringo batagishigikiye.

Tasiyano Sibomana

Tasiyano Sibomana rero akaba asaba nyabuna ko abadasigana ba Uprona batohendwa, ndetse ngo ntibaryame umukondorazosi kuko hari abantu bariko baraca ku biti n’amabuye kugira bahambe amasezerano y’i Arusha, bagahindura ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi kandi bizwi ko ryabonetse bigoranye, aho rero akavuga ko ari ugukanura maremare, mu gihe umugambwe Uprona uri mu nzego wo, woba umaze kumenyesha ko, umurwi wamaho mu nama nshingamateka wiga ibibazo vya poritike ushobora kuraba ivyokongerwamwo ku vyumvikaniwe mu kigobe mu nama yahuje abanyamigambwe ku magenekerezo ya 19 na 20 Kigarama uyu mwaka, ku kibazo kijanye n’ihinduka ry’ibwirizwa nshingiro.

JPEG - 88.3 ko
Karori Nditije umukuru w’umugamwe Uprona

Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe ndshizwe none uyo mukuru jewe ndamwita umwami kuko akora ivyo yipfuza.ariko kuugiar aronke icubahiro yoha nabandi bagasabikanya.kandi mana ufashe uburundi ntibuzongere kurwa mwisanganya.

  • nanjendamushigikiyecanegose.kukoyakuye uburundi.kure,manayanje umuhegukomeza,kuko arakwubaha.

  • Erega UPRONA Iramaze Kumenya Ko Itazosubira Gutwara Igihugu Niyompamvu Ivyo CNDD FDD Yoyitegeka Vyose Yobikora Kugira Yigumire Munzego

  • Itegeko canke ingingo yose, ifise ingaruka ku gihugu mwashaka no ku Mugambwe. Turetse UPRONA, n’abo bose bavuga amasezerano y’i Arusha mama n’ishingwa rya CVR, ni nde ayobewe iciyumviro nyamukuru c’amasezerano y’i Arusha? Abenegihugu duhakwa gufatwa nk’uko tuyobewe iyo u Burundi bwavuye? Demokarasi muri Afrika, dukwiye gutegera ko abarundi tutoyigereranya n’iyi bihugu vya Bulaya. Mu ruhande runini, ubukene bwo mu mupfuko no mu mutwe buracafungiy’amaboko mu mugongo abarundi. Ni n’aho abo banyepolitike baja baduhendera mu kurondera ivyabo bishirira mu nda. Imyaka 40 u Burundi bwamaze bucunwa bufuni na buhoro, si mike kugire abantu bacirwe imanza kugire ab’ubu batandukirwe. Mu kaba muzi ko basokuru bayamaze ngo "imigere ibiri idatereka". Kugire dutegera nez’ingorane zacu hama tuzitorere umuti ataguhwihwisha duhave dusanga twahuvye, dukwiye ubwitonzi no kubumbatir’amahoro mu kumviriza ijambo ry’imvaho n’ingingo z’abategetsi bacu. Ntarinze kurandira no kuja en détails ivyanditswe muri ayo masezerano y’i Arusha canke Constitution made in DD, nshima gutomokerwa ku bibazo bikurikira:

    INKURIKIZI ZOBA NYABAKI(avantages et inconvénients)
    1. 2015 Nkurunziza Pierre asubiye kwitoza?
    2. 2015 Nkurunziza Pierre atitoje?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.