Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rwo muri Pays Bas rwasibijwe n’ibirori vy’ukwunamira Nelson (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Urugendo rwo muri Pays Bas rwasibijwe n’ibirori vy’ukwunamira Nelson (...)

Urugendo rwo muri Pays Bas rwasibijwe n’ibirori vy’ukwunamira Nelson Mandela

mardi 10 Kigarama 2013

Mu rugendo arimwo mu makungu, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari kumwe n’intumwa bagendanye, ku munsi w’Imana igenekerezo rya 8 Kigarama 2013 niho yashika i La Haye (Royaume des Pays-Bas) mu rugendo yari kumaramwo iminsi ine, ariko rwaciye ruhagarikwa bivuye ku rupfu rwa Nelson Mandela asanzwe yarafashije mu masezerano y’i Arusha, ari nayo yashizeho inzego zirongoye Uburundi.

Abashikiranganji batatu nibo baherekeje umukuru w’igihugu muri urwo rugendo i La Haye. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, umushikiranganji wo kwivuna abansi Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama, hamwe n’abandi barwizatunga b’abarundi bagiye kwibonanira na bagenzi babo bo mu gihugu ca Pays Bas.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashitse i La Haye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, avuye i Paris, akaba yari aje kwibonanira n’abarundi bo mu gihugu ca Pays Bas n’ibindi bihugu bibanyi nk’Ubufaransa, Ububirigi, Suède hamwe na Espagne. Mu gihe uwo mubonano wa Petero Nkurunziza n’umwami wa Royaume des Pays-Bas wasibijwe kugira abo bategetsi bompi bashobore kuzokwitaba ibirori vyo kwunamira n’ugupfubana iteka Nelson Mandela, Petero Nkurunziza yaciye abonana n’abarundi baba mu mahanga.

Muri urwo rugendo rwari kumara iminsi ine, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umwami wa Royaume des Pays-Bas, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, abarwizatunga bo muri Pays Bas, abarundi baba muri Pays no mu bihugu bibanyi, bari batunganije ikiganiro c’uguhanahana ivyiyumviro ku mahoro n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini, hamwe n’uruhara rw’Uburundi. Ico kiganiro caciye cunguririzwa ku yindi sango izomenyekana hanyuma. Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 10 Kigarama 2013, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza niho yashika i Johannesburg muri Afrika y’epfo, mu birori vyo kwunamira irya nyuma umuhisi Nelson Mandela.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe nibazako muri Agenda yiwe yari akwiye kuraba na ICC kugira ngo arabe aho be na Adolphe bazopfungirwa!
    None Nizigama na Gaciye Ubwenge bari bagiye gukora iki?Bagiye kwerekana abarungika ingabo mu bindi bihugu natwe kiriko kirasha!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.