Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruhara rw’abagabo mu gukura neza kw’umwana akiri mu nda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Uruhara rw’abagabo mu gukura neza kw’umwana akiri mu nda

Uruhara rw’abagabo mu gukura neza kw’umwana akiri mu nda

jeudi 12 Kigarama 2013

Abagabo n’abakenyezi bafise uruhara ntangere mu kubaho kw’umwana akiri mu nda. Umwe muri abo bavyeyi babiri abuze, umwana akiri mu nda arabimenya, kandi ivyo aheza agaca abura.

Mu bushakashatsi bwakozwe ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, abahinga bavuga ko umwana ariki mu nda atangura kwumva, kuva ku mezi ane. Ku mezi indwi hoho, yumva amajwi yose, ukungene nyina amukuyakuya, canke ivyo agerageza kumuvugisha haba mu ndirimbo canke mu majambo, eka mbere n’ibigumbagumba vyose nyina agira, yaba ivy’umunezero canke ivyerekana ko ababaye arabibamwo nawe.

Muri ubwo bushakashatsi, bakavuga ko ari ivyankenerwa kuvugisha umwana akiri mu nda kugira atangure kwimenyereza hakiri kare amajwi y’abamukikuje. Bikavurwa kandi ko iyo se w’umwana yama avugisha umwana ari mu nda, bituma umwana ari mu nda yumva ari mu mutekano ntangere, ivyo navyo bikamutuma akura yisanzuye.
Ikosa rikunze gukorwa, ni abantu bongorera mu kuvugisha umwana akiri mu nda, hakuvugana ijwi rirongoroye kugira umwana ashobore kwumva neza ico nyina canke se baba bashatse kuvuga.

Abahinga mw’irondoka rijanye n’amagara meza bavuga ko kuvuga bongorera umwana ari mu nda biri mu bishobora gutuma udutsi dutuma umwana yumva, dushobora kugabanya ubushobozi bwo kwumva.
No mu bindi vyirwa vyakozwe n’abashakashatsi nka René Almeling na Miranda Waggoner, bashigikira ko abagabo bafise uruhara ntangere mu gukura neza kw’abana bakiri mu nda. Iyo abakenyezi bashigikiwe n’abagabo babo mu gihe bibungenze, n’umwana arumva ko ari mu mutekano ntangere.

Abagabo bakaba bahamagariwe kwama hafi y’abakenyezi babo, na cane cane mu gihe bibungenze, ku neza y’umwana wabo.


Mariella Bukuru

Messages

  • None nyina ataco yariye nya mwana arakura?Reka basha reka abagabo tubanza kuja gupagasa hanyuma ivy uko umwana akwumva canke ntakwumve ni ivy abazungu bobo babana baba bafise amahera!Noneko batabifatirako mu kuduha Mutations ngo twegere abafasha bacu?Ni vyiza kubegeranye!

  • ivyo ndavyemeza.jewe nakora kure umupfasoni wanje yari yibungenze imbanyi y’amezi 6.igihe cose ntashe,umwana yarikinisha mu nda naje nkabibona.uko twayaga n’inkumbu nyinshi dutwenga,umwana nawe yaca aguma atera utugere ukumva ko anezerewe.Nico kimwe kubagabo bama bariko bashwanira abagore babo,umwana mu nda aravyumva gushika aho serugo atashe umwana mu nda agira ubwoba ntasubire nogukakaza.bica vyumvikana ko ivyo abo bahinga batohoje ko ari ukuri.<<Abagabo nikwikebuka>>.

  • mutubarire ingene wamwenda kuko bisaba technique zihambaye

  • Kuba hafi umufasoni yibungenz birafis ico bikora ku kumwana. Abatavyemera barihenda.jew naravyibonyeko nukuri.

  • NIVYO KUKO MWASHAVURANIYE INDA NTISUBIRA KWIKINA NEZA.

  • Murakoze cane kurizompanuro zirondoka rijanye namagara meza.

  • MWODUHANURA IKI TWEBWE URWARUKA AHO USANGA TWATWITSE INDA UMWIGEME TUKAMWIHAKANA?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.