Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukundo rw’ukuri muri ino myaka worubwirwa n’iki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Urukundo rw’ukuri muri ino myaka worubwirwa n’iki

Urukundo rw’ukuri muri ino myaka worubwirwa n’iki

dimanche 23 Ruheshi 2013

Muri iyi myaka turimwo, usanga abatari bake bibaza koko namba urukundo rw’ukuri rukibaho, namba umuntu akwiye kuvyemera ko yokundwa vy’ukuri. Abenshi usanga bavuga ko yaba indyarya n’abavuga ukuri, bose bigorana kubatandukanya.
N’ubwo gutandukanya uwugukunda n’uwukubesha bigorana, hariho bimwe mu bimenyetso abahinga bavuga ko vyokwereka umuntu ugukunda vy’ukuri:

1. Urukundo nyarwo rutangirwa ubuntu

Mu buzima bwa minsi yose, hariho ibintu ngirakamaro ku buzima duherebwa ubuntu, ata kiguzi, ivyo ni nk’ibintu umuntu akeneye kugira abeho. Duhereye ku mwuka duhumeka, tuwuronkera ubuntu, amazi (ay’imvura nk’akarorero) nayo tuyaherebwa ubuntu, itiro no gukanguka tubiherebwa ubuntu, izuba naryo nyene kuri iyi si ntaworonka amafaranga yo kubiriha.

Urukundo nk’iremezo y’ubuzima narwo kururonka no kuruhabwa nta kiguzi cari gikwiye gusabwa kuko igihe Imana yarurema, yategekenije ko rutegerezwa gutangwa ku buntu, uhereye ku muvyeyi avyara umwana akamukunda ku buntu, umugore canke umugabo barondera umukunzi ku buntu.

2. Hari ikiguzi rimwe na rimwe gikenerwa ku bintu bitangirwa ubuntu

Nk’uko kugira uronke amazi meza utegerezwa kugira ikiguzi kiri hasi utanga, no kugira ngo izuba ndetse n’imvura ukomeze kubironka ku buntu kandi neza hari ikiguzi utanga cane cane nko gutera ibiti, kubungabunga amashamba, gufata neza ibidukukuje, ariko ntibiba bisigura ko uba uriko uragura imvura canke izuba, ahubwo uba uriko urafasha kugira ubironke.

3. Umuntu yokwibaza ati : “Mbega ni ikihe kiguzi ntegerezwa gutanga ku rukundo?”

Akenshi mu gihe tugezemwo, abatari bake baritiranya urukundo no kugura. Aha usanga umuhungu yumva ko uwo bakundana bategerezwa kuryamana nawe kugira yemere ko amukunda canke umukobwa akumva ko urukundo rw’umusore bakundana ruzogaragarira ku bwinshi bw’amafaranga amuha, gutyo abone kwemera neza ko amukunda koko.

Nta kiguzi uretse gukundana uko bikwiye ata buryarya
Aha usanga hari abagwa mu mutego wo kutazigera babona urukundo kuko baba bibagiye uburyo bwo guhitamwo. Ibintu ni ibironderwa, biraza kandi bikanagenda, ni nayo mpamvu uwuguhaye amafaranga canke uwo mukoranye amabanga mpuzabitsina ico kitaba gihagije kugira wumve ko wakunze canke wakunzwe

4. Uwo ukunda uramwitangira

Ingingo yo kwitanga usanga yitabwaho cane no mu rukundo rw’ukuri rumwe rutagira uburyarya. Aha usanga umuntu yitaho umukunzi wiwe uko ashoboye ndetse ataretse no gutanga yaba amafaranga. Kuraba uko umwe yitangira uwundi ni kimwe mu bigaragaza urukundo nyarwo.
Aha rero ni vyiza kumenya gutandukanya kwitangirwa kubera urukundo ufitiwe no guhabwa kubera umururumba n’ubusambo.

Mu rukundo rw’ukuri, kwitanga ni vyiza cane, ndetse ukageza n’aho witanga ukiyibagira kuko nico urukundo ruvuga. Ivyo ukora cane cane bikuvuye ku mutima nivyo bizokomeza urukundo rwanyu kurusha uko mwaryamana canke womuha ubutunzi burengeye kugira umwereke ko ushoboye.

5. Ikimenyetso ntabanduka c’urukundo rw’ukuri ni umutima ubwawo, nta kindi na kimwe cowusubirira

Umutima nk’ikimenyetso ntabanduka, abahinga batandukanye bemeza ko umutima wonyene ubwawo na kamere bishobora kukwereka cane uwo wewe ukunda vy’ukuri kuruta uko wenyene wovyibwira, gusa ico urukundo rw’ukuri rutabura, ni ubuntu haba ku mukobwa canke ku muhungu.

6. Urukundo nyarwo rugera no mu zabukuru

Ico ubuntu buvuze aha, ni ugukunda umuntu ata nyungu n’imwe umurindiriyeko. N’ubwo benshi mu mwaka y’ubu bemeza ko bitakibaho, ukuri ni uko igihe cose ubuntu ataribwo buyoboye urukundo urimwo, menya neza ko uba uri mu rukundo rutari urw’ukuri, ruba ari urukundo rwironderera akunguko, urwo narwo ntirumara na kabiri, ari naco gituma ingo zidasiba gusambuka, abakundana nabo bakaguma bahindagura abakunzi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.