Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani ADC Ikibiri rusaba Reta gukura ibirwanisho bizunguruka mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Urunani ADC Ikibiri rusaba Reta gukura ibirwanisho bizunguruka mu (...)

Urunani ADC Ikibiri rusaba Reta gukura ibirwanisho bizunguruka mu banyagihugu

mardi 17 Ntwarante 2015

Imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri imenyesha ko iteye ivyatsi ubwicanyi bwahatswe gukorerwa umupfasoni wa Agathon Rwasa, Imana igakinga.

Ku bw’umushingamateka Leonce Ngendakumana arongoye urwo runani rw’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD ihurikiye mu runani ADC Ikibiri, yibutsa bumwe mu bwicanyi bumaze iminsi buvugwa hamwe n’abandi bamaze kurusimba. Leonce Ngendakumana avuga nk’akarorero, iraswa rya Annonciatte Haberisoni umutambukanyi wa Agathon Rwasa Imana igakinga, umushingamateka Niyonkuru Spes asanzwe ari umutambukanyi wa General Godefroid Niyombare yahatswe kugandagurwa, abamenyeshamakuru babiri b’iradiyo Bonesha FM bafatiweko inkoho bagira bicwe Imana igakinga, abanyagihugu bishwe abandi bakanyuruzwa mu makomine ya Rumonge, Bukemba, Butaganzwa na Gihanga, hamwe n’urutonde rw’abantu bamaze kumenyekana ko bashobora kwicwa, abo nabo bakaba bahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’abamenyeshamakuru.

Leonce Ngendakumana akavuga ko hari ubwoba budasanzwe mu banyagihugu mu gihe hasigaye iminsi mike kugira amatora abe mu Burundi. Asaba ko ibirwanisho bizunguruka mu banyagihugu, bovyakwa ku neza ya bose. Leonce Ngendakumana akaba yamenyesheje abarundi n’amakungu ko batazigera bemera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza abanje guhonyanga amasezerano abarundi bonyene biyumvikaniye, agasaba nyabuna ko umutekano w’abantu bose wokingirwa. Abanyagihugu nabo, basabwa n’umukuru w’urunani ADC Ikibiri, kuguma bafatanye mu nda, muri ibi bihe avuga ko bitoroshe.


Aristide Nizigire

Messages

  • UBU NIWE URAMUKIWE KWICWA!!!!!!!! KUKO NGIRA WARUMVISE MURI KABIZI KO RUFYIKIRI ISIDORE YAKWAGIRIJE KO ARIWE NA NDADAYE MWATEGUYE IHONYA BWOKO RYA 1993; NGO NDADAYE RYARAMUHITANYE HASIGAYE WEWE; NGIRA UCA WUMVA ABAZOKWICA ABARIBO!!!!!!!!!!

  • Mutama leonce burya nokiremesha ndakubwirako atamuntu agufiko ububasha kiretse imana nn nikikibaturubwoba ubwo anyeporike muremerimana?nyimbamwemera nikuki mugieubwoba?

  • @levis uti niwe aramukiwe ??kuberiki atoba wewe ncanke nkuruziza

  • kuri muka Rwasa uravuga ariko ivyashikirijwe na Isidore Rufyikiri waranumye!!!ngira yavuze ivyukuri rero!!!,ewe nsumirinda?ngo niwewe ugomba gutwara igihugu!!yemwe ,uvuga ibidakenewe!!niwidigadige nyene,wongere utere igere rya nyuma nyene!!Nta jambo ryawe!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.