Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri yagiriza ubutungane kuba bwarazingamitswe n’umugambwe CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > ADC Ikibiri yagiriza ubutungane kuba bwarazingamitswe n’umugambwe CNDD (...)

ADC Ikibiri yagiriza ubutungane kuba bwarazingamitswe n’umugambwe CNDD FDD

vendredi 10 Nzero 2014

Imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri barifurizanije umwaka mwiza, aho mw’ijambo bashikirije bagarutse ku ngorane ziraje ishinga Uburundi mu bisata nka vyose, nko mu butunzi, umutekano, poritike, amagara y’abantu, indero n’ibindi.

Mw’ijambo yashikirije abatumire n’abandi bose bari muri iyo migambwe ihurikiye muri urwo runani, umushingamateka Léonce Ngendakumana asanzwe arongoye ADC Ikibiri yamenyesheje ko ico bipfuza ari uko Uburundi bwova mu kaga, maze ubusuma, intwaro z’umukazo, ubugunge bituzwe mu gihugu, abarundi basubizwe ijambo, n’ubwigenge banyazwe, basubire kandi kuganira badahemana, canke badakebaguzwa, kugira bashike ku ngingo zikomeye zubaka igihugu, igihugu ca bose.

Léonce Ngendakumana yabandanije avuga ko mu gisata c’umutekano, inzego z’umutekano ziburagizwa n’umugambwe CNDD FDD, urwaruka rw’uyo mugambwe rugakingira abanywanyi ba CNDD FDD mu makosa, bigatuma abanywanyi bahurikiye mu yindi migambwe aribo bama baburagizwa, bagakubagurwa atacamira, mu gihe n’abandi bapfungirwa ubusa, canke abanyeporitike bakagumizwa mu minyororo atakibagira kiboneka, aha akaba yavuze Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, ubu akaba ari icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, co kimwe na Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

JPEG - 40.8 ko
Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC - Ikibiri

Kuri ivyo, ADC Ikibiri ikaba yagiriza ubutungane kuba bwarazingamitswe n’umugambwe CNDD FDD, mbere bigatuma abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi n’aho bokora amakosa ameze gute badakomwakomwa. Kuri ivyo vyose rero, ADC Ikibiri ikaba isaba ko amategeko yokurikizwa kuri bose, igihugu kikaba ica bose, ntihabe nyagupfa na nyagukira, ngo amategeko afate bamwe, abandi ntabakoreko, abandi bakarenganywa, mu gihe ababarenganije bo baba bariko basigwa amavuta.

Tukaba twobamenyesha ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abantu batandukanye, abakuru b’imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri, bamwe mubari baserukiye ibihugu vyabo, uwaserukiye urunani rw’abavuga ko bariko banagura umugambwe Uprona, bamwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike n’abandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • kuriyo foto ihereza mbona umuntu umenga ni Agathon Rwasa sinzi ko ariwe .Umuntu yatanze iyinkuru ntiyayiciye hirya no hino kuko iyo atubwira ko ari Agathon Rwasa ou pas yari kuba ari evenement ikomeye mugihe bavuga ko Fnl ya Rwasa itakiri mu Kibiri canke mugihe Rwasa yavuga ko atigera atumigwa na Adc ikibiri ikibiri naco kikavuga ko iyo gitumiye Rwasa aca atuma intumwa .None Rwasa yarahari canke ???Murakoze

  • oya uyu si RWASA waravye nabi

  • oya murabesha urya si Gwasa, umenga we ntibamutumiye !!!

  • Kwipfuriza umwaka mushasha uwo ukunda kandi ufise ku mutima, ni vyiza kandi ntawutavyipfuza. Bituma urukundo n’imigenderanire yiyongera. Ahari urukundo n’amahoro, ni ngombwa haboneke iterambere. Akaba ari naco gituma numva Noel na Bonne année bihimbara zihimbajwe mu muryango. Ku vyerekeye aba nyepolitike canke mu bagenzi, ni vyiza n’aho nyene ariko akaba akanya ko kuganira amajambo aryoshe canke akaryo ko gushikiriza ivyo umurwi runaka waranguye n’ico uteganya. Rero Léonce Ngendakumana nkabona yasubiye kuvuga amajambo amwe. Ivyo yagiriza CNDD-FDD, mbona we n’abagize ADC-Ikibiri bari bakwiye kubigira gahunda yabo pour 2014. En politique kuvug’ingorane y’uriko urwanya, non seulement uba uriko umuha ivyiyumviro, ahubwo utuma amenyekana kurusha. Ndetse Agathon Rwasa na Bigirimana Jacques, nizere ko ADC-Ikibiri batibagiye gutumira CNDD-FDD n’abandi bategetsi tutabona kw’ifoto.

  • Mwa basomyi b’ikinyamakuru nkunda IGIHE, reka kuba muduza ibihuha ataco bimaze. Ngaho uwobabaza Rwasa mumubona hehe? Bomutumira gute kandi yavuze ko ata Kibiri arimwo? Imigambi yiwe ubu ntayo ntuzi, ahubwo muraraba neza ko atoba yarahawe amahera n’ubutegetsi kugira ntasubire kugira ico avuga. Erega bigezweho

  • Rwasa ntiyanumye nama namwunvise kuri Radio isanganiro gusa iconzi ibinyamakuru vya ADC iKIBIRI hamwe na Radio Rpa ya ADC iKIBIRI ntibikimuha ijambo kuva aho aviriye mu Kibiri ariko ari mubagwanya ubutegetsi yivuye inyuma

  • None ko nunva mwese mugaruka kuri Rwasa hariho uwo afitiye Ideni ??

  • Rwasa none muriyinkuru aje gute? cukora nuko ari populaire kani azotsinda amatora.Adc ikibiri ni zero naho bofatanya adc ikibiri yoja hamwe na Cndd fdd Rwasa yobakubitahasi .Timbe murindire intsinzi

  • Ariko mwibaza ko mutama Rwasa kwatazubwenge’ Nibavyarabakundiye bakamuhenda muri 2010 wibaza kwatabahinyuye abobabeshi mbere muburundi abarundi bemera Rwasa nibeshi gusumba abarundi bashigikiye ADC

  • Umutegetsi wese, abwirizwa kuvug’amajambo yubaka kandi akayashikiriza mu rupfasoni. Mu minsi mikuru ariko yikiz’akanyota n’abagenzi, ni vyiza ko akoresha ikirahuri akanikwiza. Kuri iyo foto rero, mbona Leonce hari ico yatinye maze yishimira gukoresha icupa (a meme le goulot). Ikindi abategetsi bari bakwiye kumenya, ni kuba bagavye ntibafatwe amafoto atabereye par les journalistes. Manwangari Jean Baptiste na Alice Nzomukunda bo, umenga ni basindabibazwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.